IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Teddy Mazina n’ifoto ziwe «zivuga»

Teddy Mazina n’ifoto ziwe «zivuga»

jeudi 30 Rusama 2013

Umuhinga mu gufata ifoto "zivuga" Teddy Mazina aherutse gutsindira ihiganwa ryatunganijwe n’ubuserukizi bwa Leta Zunze ubumwe z’Amerika buri i Bujumbura. Isanamu ziwe nizo zizoshariza inyubakwa zubwo buserukizi mu kiringo c’imyaka 50.

JPEG - 38 ko

Teddy Mazina ni umurundi yavukiye mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka 1972. Yakuriye mu Burundi gushika aho urwimo rwabaye mu Burundi mu mwaka w’1993 rumutuma ahunga igihugu ciwe c’amavukiro. Imyaka ibiri gusa rutanguye, Teddy yaciye ahungira mu Bubirigi. Akaba yamaze imyaka 12 muri ico gihugu. Umwuga wo kumenyesha amakuru akoresheje ifoto akaba yawutanguye neza na neza kuwukora ataco awubangikanije mu mwaka w’2006. Ubundi Teddy Mazina yakurikiranye ivyirwa vy’amategeko. Yaranaronse inyigisho zijanye n’urudandazwa.

«Ifoto zanje zerekana ibintu vyabaye. Ntaco nkurako kandi ntaco nongerako , nico gituma atanuwo dufitaniye ingorane». Iciyumviro catumye agira umwuga w’ugufata ifoto ni kimwe « …nshaka kubika kahise mu masanamu, abazokwaruka ubu n’ejo hazoza baze bamenye ibihe bimwe bimwe vyaranze kahise k’Uburundi». Nk’uko avyigana, ivyabaye mu mwaka w’1972 ndetse na 1993 ntaco urunganwe rw’ubu rubiziko kuko atakibibamenyesha uretse amajambo yaba na bariya. Ni nayo mpamvu « …ngerageza kuba mu kibanza nyaco mu mwanya nyawo kugira menyeshe ivyabaye nkoresheje ifoto zivuga».

Izina Teddy Mazina ryatanguye kumenyekana mu matora yabaye mu Burundi mu mwaka w’2005. Aho hari amasanamu yafashe ajanye n’amatora yaca ku mboneshakure Rennaissance mu kaganiro gato kari kitwa “PIGA PICHA”. Inyuma yaho muri Ruhuhuma 2012, yarashize ahabona amasanamu yafashe mu kigo c’abafaransa i Bujumbura.
Muri kuno kwezi kwa Rusama , mu gihe hariko hurugururwa icese ubuserukizi bwa Leta Zunzubumwe z’Amerika, akaba yaratsinze mw’ ihiganwa ryari ryatunganijwe n’ubwo buserukizi. Amafoto yiwe akaba ariyo azoshariza muriyo nyubakwa mu kiringo c’imyaka 50 uhereye guharura muri kuno kwezi. Ubundi burorero bw’ibikorwa vyiwe ntibubuze : irekurwa ry’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki, intureka zabaye mu Ngagara muri Rusama 2013, n’ibindi bihe. Ku rubuga rwa Facebook benshi bakaba bakunze ifoto afata ndetse bakazisabikaniriza abandi. « Ntaco bintwaye kubona bazikoresha, abandi bakaziyititira. Igikuru kuri jewe n’uko mba natanze inkuru nkoresheje ayo masanamu. Kandi bigatuma abantu bazokwama bibuka ivyabaye muri kahisa k’igihugu cacu».

Uwo muvyeyi w’abana bane akaba yimirije gusohora igitabo citwa «Objectif amnésie ». Ico gitabo kikaba kizoba kigizwe ahanini n’amasanamu yo kuva mu mwaka w’ 2010 gushika imbere y’amatora y’umwaka w’2015. Ico gitabo kikaba kizosohoka imbere yuko amatora yo mu 2015 atangura. « Ahanini nzogiha abanyepolitike ba kino gihugu, babone bimwe bimwe muvyaranze Uburundi hagati y’ikiringo ca 2010 na 2015…ntaco kizohindura kinini muri bo ariko bizobibutsa ibitari bike ».


Luc-Noel Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.