IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Togo : Amatora y’umukuru w’igihugu yigijwe inyuma

Togo : Amatora y’umukuru w’igihugu yigijwe inyuma

dimanche 29 Ntwarante 2015

Mu gihugu ca Togo, amatora y’umukuru w’igihugu yungururijwe kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza uwu mwaka.

Iyo ngingo ikaba yafashwe n’inama nshikiranganji y’ico gihugu, inyuma y’ugusaba umurwi ujejwe amatora muri ico gihugu ca Togo, ko boraba bagakosora ubunenge bwose bwotosekaza ayo matora, bugakosorwa kugira haze hatunganywe amatora meza, ataho ahengamiye. Ayo matora akaba yegejwe imbere, mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo mu Burengero bw’Afrika biri muri CEDEAO, aho abarongoye uwo muryango basavye ko hoba amatora meza, ataho yegamiye, kandi yubahiije bose ku mugaragaro.

Mukamenya ko abatavuga rumwe na Reta barimwo uwitwa Jean-Pierre Fabre, bari basavye umurwi ujejwe amatora icegeranyo c’integuro y’amatora, aho abo batavuga rumwe na Reta babona amanyanga adasanzwe mu nteguro y’amatora y’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.