IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Tom Malinowski: Ntacerekana na kimwe ko Petero Nkurunziza azoheba (...)

Tom Malinowski: Ntacerekana na kimwe ko Petero Nkurunziza azoheba kwitoza

vendredi 1er Rusama 2015

Mu rugendo icegera c’umunyamabanga wa Reta zunzubumwe z’Amerika Tom Malinowski yagize mu Burundi, yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu mubonano bagiranye, avuga ko atacerekana ko umukuru w’igihugu ashobora guheba ikiringo ca gatatu.

Icegera c’umunyamabanga wa Reta zunzubumwe z’Amerika Tom Malinowski

Mu kiganiro Tom Malinowski yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, avuga ko yayaze n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku bijanye n’ibihe Uburundi burimwo. Avuga ko yamweretse neza ko ivyo Uburundi bwashitseko muri iyi myaka cumi, vyavanye n’amasezerano y’i Arusha, ko ayo masezerano adakwiye gufatwa minenengwe.

Tom Malinowski akavuga ko Reta zunzubumwe z’Amerika aho zihagaze ari hahandi, ko amasezerano y’i Arusha yokwubahirizwa. Avuga ko mu Burundi abantu bamye bahonywa amakungu akirabira hirya, bikavugwa mu majambo gusa, ko ubu rero hageze ko ivyo biva mu majambo. Amenyesha ko Reta zunzubumwe z’Amerika zidashobora kuzorera amaboko, mu gihe abantu boguma baburagizwa, bakabuzwa guserura ikiri ku mutima, bahohoterwa. Ku vyo bayaze n’umukuru w’igihugu, icegera c’umunyamabanga wa Reta zunzubumwe z’Amerika avuga ko atacerekana ko Petero Nkurunziza azoheba kwitoza ikiringo ca gatatu.

Tom Malinowski yashikirije n’impungenge afise inyuma yaho Reta y’Uburundi yugariye iradiyo RPA, ivyo bikanashobora gusubiza inyuma ubwigenge bwo kuja hamwe, kugira ama nama, n’ubwo gushikiriza amakuru. Tukabamenyesha ko igihe Tom Malinowski yahabwa umubonano n’umukuru w’igihugu, abamenyeshamakuru b’ibinyamakuru n’amaradiyo vyigenga bitatumiwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nimba baramwihereranye bakamucomeka amajambo ngo nikwubahiza amasezerano y arusha biboneka ko atansiguro ihagije yahawe.kuki atohereza umubonano abanyamigambwe bose? Cank abatakiranira ivyicaro vy poritike?kuki birukanye abamenyeshamakuru ngo ntibavyumve.uwo nagende tuzovyimenyera.

  • Non,aho Ntabakuriye Inkoni Ku Gishitsi Nibave Mumabarabara Bitam,amatora Ntaco Bahindura Atarivya Vy,ukugumura N,ukwica Bazosanuka Vyababanye Umurengera Bavugako Arimyiyerekano Y,amahoro Abe Yabo Izo Modoka Zaturiwe N,abasoda Barashwe Nabo Bapolisi Bakomerekejwe.None Ivyo Vyose Ni Za MBONERAKURE zabikoze

  • NKURUNZIZA ibyo asabwa nabarundi ,amasezerano y arusha ibwirizwa shingiro ndetse namakungu ntabwo abiha agaciro kurusha nibyo asabwa numwami wisi Satani 5000000 zabarundi zigomba gupfa yigumire kungoma

  • NONE KWERI UMUKURU WIGIHUGU AHONYANGAMATEGEKO,ABANTU BAPFE AMAKUNGU ABONA!OYA KWELI

  • PETER EREGA ARASUMBA BA OSAMA,KADAFI,LAURENT BAGBO.AMERIKA RERO NTACO YOMUGIRA KK NTIYOMUSHOBORA!

  • IBISUBIZO BY’ABANYAFRICA NIBO BAGOMBA KUBYISHAKAMO NTAGUTEGEREZA AMAHANGA. BOSE BAREBA INYUNGU ZABO BWITE UBU RIBYE NTIBARI KUYIVOMA NTAWE UBAKOMA,CONGO KINSHASA NTIBENDA KUYIRWANIRAMO, MWEBWE RERO ABARUNDI NIMWICARE MUGANIRE MWEBWE IGIHUGU MURI GUSENYA N’ICYANYU SI ICYABO. kandi mumenye ko umusonga w’undi ntukubuza gusinzira.

  • NIYUMVILAKO PETER NKULUNZIZA ALIHAMWEKO AMAKUNGU YAMUSHIGIKIE NABANYAGIHUGU YO YOKWITOZA.NAHONYENE KANDI BIDASHOBOKA NIBAZAKO NTIVYOTWALAISHAVU KO IGIHUGU GISUBILA MUKAGA

  • natange ntawuhora kungoma uko nikwicafuza no kuvyo yoba yarakoze vyose!

  • Ibwirizwashigiro ryuburundi tutaryubaha nuruhome rukwiyekwubahwa. Umvandabibutse ukworivuga : Rivuga ngo: UMUKURU WIGIHUGU WUBURUNDI YEMEREWE GUTWARA IBIRINGO BIBIRI (2) ARIKO YITORERWA NABENEGIHUGU BONYENE UBWABO , BONYENE UBWABO REKANDABASUBIRIREMWO AKAKAJAMBO KAVUGANGO; UMUKURU WIGIHUGU WUBURUNDI YEMEREWE GUTWARA IBIRINGO BIBIRI (2) YITORERWA NABENEGIHUGU BONYENE UBWABO, AKOKAJAMBO NTIKAVUGA NGO AZOTORWA NABO ABANYAGIHUGU BATUMYE KAVUGANGO BONYENE UBWABO. Niyompamvu abavugako adakwiye kwitoza badashobora guhangara ubutungane bakemera kujakwihondagura kumabuye nokubiti. Nabaje bavuye mumakungu bagasomerwa uko iryobwirizwa ryanditse barumirwa mbere bakibazako abaritunvanije baribabanyoye za wisiki ngirango zivanze nazakanyanga!

  • je mbona ko nyakubahwa umukuru w,igihugu yokubahiriza amasezerano yi arusha kuko twayarose atugoye.

  • None Ico kiringo Yogihebera Iki Kandi Ariwe Dushaka?Abamwa Nibangare Nuko Bafise Iyo Baja.

  • nishure uwo wiyita twaje usigura ibwirizwa shingiro mbe ndakubaze mbe abamutoye ubwambere bariki ko usara uvuga atatowe kabiri na abanyagihugu abamutoye bwambere ushaka kuvuga ko bari inkoko impene inka twe tuzi ko bari abarundi niba yaratowe ni intama impene murabivuga uko niho twa tahura neza

  • muzovyimenyera? ahubwo mwebwe mushigikiye ukwitoza ubugira 3 kumukuru wigihugu nimwetege ibara! ninde yabahaye uburenganzira bwo guhonyanga ibwirizwa nshingiro na accord ya Arusha? mwananiwe no kurondera uyundi yomusubirira? abantu bose bazogwa muriyi conflitcts bari kugatwe kanyu kandi muzobabazwa! amakungu arabona ivyo muriko murakora vyose!

  • Jewe burya harihabantu muntangaza ukamengo hariho urundi rurimi rwokoreshwa kugiramutahure neza ibwirizwa nshingiro ukorivuga! Nonegayemwe mwombarirako irijambongo YITORERWA NABENEGIHUGU BONYENE UBWABO ridatandukanye nokuvugango: ABENEGIHUGU BAZOTUMA ABABATORERA? Shamwabonye kuvanyumayamatora yomuri 2010 mwagumwe muduhonyanga dukora mushakakumena turabihorera none ubunaho mwadukanye kwica nokwicisha abenegihugu kugezayaho muvugako mwaduhagurukiye . Nyabunabashaho rekakwifuza ivyokumena amaraso; kukondababwirako abomuhigira gukoreranabi namwebwenyene ubwanyu twese tuvamaraso, iyuvuzerero ngomwahagurutse kandi ubiziko nabandi bashoboyeguhaguruka tukubonamwo ukutamenya ahotwavuye canke umuntu mukabona yinumiye mukibaza koyapfuye twabahaye umutwe none mugiyekuryana namatwi!!!! Nkomeza muvyorogote basha akataretse kabagasema.

  • ok tubyoroshe basi kugira abo ba badede badutahuze neza bajye bavuga ko yatowe n inkoko impene inka 2005 2010 atorwa na abanyagihugu asigaje indi manda basi aho tuvyumve kuko tuzi neza ko 2005 yarahiye 2010 ararahira none ga basha ? batebe abantu babagire ibikoko ari abantu koko burya barya bamutoye 2005 bari iki

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.