IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA:Inama y’amahoro n’umutekano isaba ko iminsi y’amatora yokwumvikanwako n’abo (...)

UA:Inama y’amahoro n’umutekano isaba ko iminsi y’amatora yokwumvikanwako n’abo vyega bose

lundi 15 Ruheshi 2015

Inama y’amahoro n’umutekano y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika imenyesha ko ikurikiranira hafi ibibera mu burundi.

Inyuma y’inama igira 515 y’umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,inama y’amahoro n’umutekano yamenyesheje mu cegeranyo yasohoye kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi ko,ishimira umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu twigoro agira mu gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi.

Inama y’amahoro n’umutekano imenyesha ko ishigikiye iciyumviro c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ko ibiganiro n’umwumvikano arivyo vyo nyene bishobora kugarukana amahoro n’umutekano mun gihugu c’Uburundi,biciye mu gutsimbataza intwaro rusangi na Reta y’amategeko.

Inama y’amahoro n’umutekano isaba ko iminsi y’amatora yoshingwa habaye ukwumvikana hagati yabo vyega bose,kugira ibisabwa vyose bibioneke mu ntumbero yo kuja mu matora yizewe na bose,yitabwe na bose kandi abaye mu mahoro.Iyo nama isaba kandi irungikwa ry’abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afriak mu bijanye n’agateka ka zina muntu.

Inama y’amahoro n’umutekano isaba kandi irungikwa ry’abahinga muvya gisirikare kugira bakurikiranire hafi bari kumwe n’abo vyega bose,ikurwa ry’ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uburenganzira,hamwe n’irungikwa ry’umurwi wishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ukurikirana amatora,mu gihe ibisabwa kugira habe amatora meza vyoba vyabonetse.

Messages

  • bagerageza guhanura nuko babwira uwutumva kubera azi ivyo yateguye hamwe na cni yiwe.niyumve impanuro bamuha,nayo kubona twoja muntwaro mfata kibanza niwe yabiteguye ntasubire guhenda abarundi namakungu.dushaka amatora ateguwe neza mugihe carico cose hamwe namahoro kubarundi bose

  • UA nabo nyene wogira ngo ntabwenge bafise none kuva aho baakavugiye ngo amatora ategugwe neza bababariye ko ikibazo ari amatora canke ikibazo ni manda ya gatatu ya NKURUNZIZA PETERO,mubona bo batagwaye mu mutwe nka Petero Nkurunziza!!!!!!!!!

  • KUVA KERA N’IMYIYEREKANO ITARABA MWIBUKE UKUNTU ABATAVUGA RUMWE NARETA BAGUMA BASABA IBIGANIRO RETA IKADADAZA KUGEZAHO BINJIRA MU MYIYEREKANO NONE IBINTU VYONONEKAYE NABAPHUYE UBONA BAZOBAZWANDE!!! RETA TURAKWINGINZE NTUSUBIRE KUDADAZA!! PETER NASOHORE ITANGAZO RIHAMAGARA IBIGANIRO MUBIGIRE MUDACENGANA AHANDIHO IVYOTUBONA MUGUMYE MUBAKUMIRA HAZOHERA IMYIYEREKANO HATANGURE IBINDI BINTU NTIRIWE NDAVUGA MUZOBITORERA UMUTI ABANTU N’IBINTU VYAHATIKIRIYE!!!!

  • Mwumvise ko ikibazo camanda ko kitavuzwe vako vyaheze

  • Amatora Ntashoboka Mugihe Amategeko Arikwahonyangwa Numukuru Wigihugu Kandi Ariwe Yarajejwe Kuyakingira .Ntakundigihugu Ntakunda Nabanyagihugu.

  • Iyi Ngingo Niyo Nibumvikane Kugra Amatora Ntazob Yo Gussa Amaraso Ahubwo Ab Yo Gukomeza Democratie N,itramber Mu Gihugu.Alors Le 29/6 C,est Conventionnelle Ou C,est Forcing?

  • ahaa!murabisaba ariko peter na nyamitwe wiwe batabishaka mama dufashe abarundi ubahe amatwi yumva kandi abarundi turakeneye amahoro.

  • ahaa!murabisaba ariko peter na nyamitwe wiwe batabishaka mama dufashe abarundi ubahe amatwi yumva kandi abarundi turakeneye amahoro.

  • none n’amakungu nayo aratinya amatora yo mu burundi? mbona bikwiy ko borindisha abatariyamamariza ku mugaragaro canke babahe uburyo bw kwiyamamaza kuko umenga niyo ngorane bagisigarany mais sinz ko har ico bosha bokora kuk abandi bateguy terrain bihagij.akagoh ku makungu,hari abanyepolitike muzoguma mukwegera mu matora mugahakwa kubona amaboko yabo aracitse.None nimba nka Nyangoma. leonce na sinduhije muvuga ko bategerezw kuja mu matora ,sinobizeza nk’umurundi ngo bazoza kiretse igikona gihinduye costime.gerageza mugabo calendrie. elect.sinohanura ko mwoyikomakomz mudashak ko igihugu kigir ingorane mwebw nk UE,UA mudashobor kuva imbere.

  • ahaa!ubuho ngira yo kwumva na africa iramukuyeko amaboko,peter rekura iyo manda.

  • NK’UMURUNDI YUMVA KO ATUNGANIRIJE,TURASHIMA CANE IYONGINGO KUKO MUR’IKIGIHUGU CACU,HARIHO BANTAKOMWAKOMWA UMENGO N’ICABO BONYENE.MUNTUMBERO Z’UMUTEKANO,NIBUBAHIRIZE IYONGINGO,KUKO KANANIR’ABAGABO NTIYIMYE.ABO BA CNN DDF NIBATEKEREZE KUKO IGIHUGU S’ICABO BONYENE.

  • Imbonerakure Ngaho Muragowe Zankoho Adolphe Yabaha Zirafashwe!Hama Abitez Amatora Le 29/6 Tegura Ayandi Maprogrammes Amatora Ntakunda!Mwitegurire Gusa Urupfu Gwa Nkurumbi Kuko Ivyo Biganiro Bigiy Kubo Nico Bizovyara!Petero Bye!Bagumyabanga Namwe Condoléance Kweli

  • ABOHANZE BARARONSE AKAZI ATAGAPFUYE NTAGAKIRA ABO BAGUMUTSI BARATANZE (IKIRYO)

  • Ivy Peter Nkurumbi Yateguy Ameny K Bizwi Ivw Yihutish Amator Niyitond Ntanz Irik Irash Atorer Inyish Ibibz Vyos Hanyum Ategur Amator Yiw!Mugb Sinz...

  • mbonadupha ubusa icotwokoranugusenga imana.yonyene.tukarka kuko irabibina izovyikorera twe ntibituraba.ikonigikorwac’imana.

  • Emwe,naho amakungu yoza abo ntibemera namba kuja mumatora guko baratinya uyomugambwe uri kubutegetsi kuko babona yuko ataci bohanoba namba.mbe,imisi yarihaciye bigije ikiringo camatora nigito?nibareke kwitwaza ibidashoboka batwima amahoro mumitima abarundi turenga 8.000.000 turatekanye cane kandi turindiranye igishika amatora tuze gutora abo dyshaka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.