IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UBJ: Reta y’Uburundi irakwiye guhana abapolisi bahohotera abamenyeshamakuru

UBJ: Reta y’Uburundi irakwiye guhana abapolisi bahohotera abamenyeshamakuru

vendredi 1er Rusama 2015, par IGIHE

Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ(Union Burundaise des Journalistes) ariyamiriza abaporisi bahohotera abamenyeshamakuru baba bari kukazi kabo.

Mu runani UBJ, bavuga ko Reta y’Uburundi yari ikwiye guhana abo baporisi bamaze igihe bahohotera abamenyeshamakuru aho bamwe bakubitwa , bakakwa ibikoresho abandi bagahakwa kwicwa, bishikirizwa na Alexandre Niyungeko arongoye UBJ.

JPEG - 53.5 ko
Alexandre Niyungeko arongoye UBJ

Alexandre Niyungeko asaba abamenyeshamakuru kuza barabaza amazina yabo ba porisi babahohotera , maze intahe izobakubite mu gahanga, igihe ubutungane buzoba bukora nk’uko Alexandre Niyungeko abishikiriza. Ikindi Alexandre Niyungeko anegura n’iyugarwa ry’amaradiyo nka RPA hamwe n’imihora ya ruguru Y’Isanganiro hamwe na Bonesha FM, kuko bihonyanga uburenganzira bwo kuronka amakuru abanyagihugu.

Alexandre Niyungeko asaba abajejwe umutekano kureka abanyamakuru bagakora akazi kabo ati: ‘’Mbega nimba abo baporisi baba bariko bakora vyiza ni kubera iki batareka abamenyeshamakuru bakore akazi kabo.’’

Mu runani rw’abamenyeshamakuru UBJ basaba kandi umukuru w’igihugu gusubira kwugurura iradiyo RPA hamwe n’imihora ya ruguru y’amaradiyo Bonesha na Isanganiro.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.