IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi buhamagarira imigambwe yose kuzokwitaba amatora yo mu (...)

Ububirigi buhamagarira imigambwe yose kuzokwitaba amatora yo mu 2015

mercredi 23 Mukakaro 2014

Mu gukeza abanyeporitike b’abarundi ku mategeko ngendekwako yatowe agiye kugenga abanyamigambwe mu matora yimirije yo mu mwaka w’2015, ingoma y’Ububirigi yahamagariye imigambwe yose kwubahiriza ivyumvikanyweko, yongere izokwitabe amatora yimirije mu mutekano.

Marc Godept, aserukira ingoma y’Ububirigi mu Burundi yamenyesheje ko ashimishwa n’ingingo Reta y’Uburundi yafashe yo gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu bihugu vya somaliya na Centrafrika inyuma yo guca ntambara zahungabanije umutekano w’igihugu.
Kubwa Godept, ingingo Reta y’Uburundi yafashe, yabitumwe n’umutekano usigaye urangwa mu gihugu inyuma y’amasezerano yo kugarukana amahoro no gusubiza hamwe yabereye i Arusha. Ayo masezerano akaba yarafashije kandi no kugarukana icuka ciza mu nzego z’igihugu no gutsimbataza ubumwe mu nzego za gisirikare.

JPEG - 29.8 ko
Marc Godept, aserukira ingoma y’Ububirigi mu Burundi

Ingoma y’ububirigi ikaba yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi mu gutsimbataza amahoro no gufasha kwubahiriza amasezereno y’i Arusha.
Abanyamigambwe n’abanyeporitique bakaba bahamagariwe kuzokwitaba amatora yimirije ku bwinshi atawuhigimanga, mu gushira inguvu n’ivyiyumviro hamwe kuko arivyo bituma amahoro n’umutekano bitsimbatara mu gihugu.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ivyuwo Mutama Avuga Nivyiza Nibashirehamwe Kuko Twibarutswe Numuvye Umwe Ariwe Burundi Uwuzotsinda Atwarire Bose Uwutsinzwe Yemere Niburaya Haba Abatsinda Nabatsindwa Inyuma Yamatora Dusangire Akabisi Nagahiye Nimbereyaho Nohagati Tuzire Kwitana Amajambo Mabi Imana Ntigomba Ko Uburundi Bucika Agace Abanyeporitike Batigera Bahuza Dufatane Munda Nkabavukana.Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.