IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi burashima igenwa rya Benjamin Mkapa mu biganiro

Ububirigi burashima igenwa rya Benjamin Mkapa mu biganiro

samedi 12 Ntwarante 2016, par egide

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE yabonanye kuri uwu wa gatanu mu gisagara ca Bruxelles na mugenzi we Didier Reynders w’Ububirigi, bakaba baganiriye kw’ibandanya ry’ibiganiro hagati y’Ububirigi n’Uburundi.

Muri uwo mubonano, Didier Reynders ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu yibukije umwitwarariko w’Ububirigi ku bibera mu Burundi.
Ububirigi bwamenyesheje ko bushigikiye ibiganiro bihuza abarundi kandi bidakumira. Didier Reynders yamenyesheje ko Ububirigi bwashimishijwe n’igenwa rya Benjamin Mkapa, kugira afashanye n’umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni mu gutunganya ibiganiro bihuza Abarundi. Ububirigi bumenyesha kandi ko bwiteguriye kuzafasha mu guhuza Reta n’abatavuga rumwe nayo.

JPEG - 77 ko
Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari kumwe na Didier Reynders y’Ububirigi

Didier Reynders yashikirije ko Ububirigi bwashimishijwe n’ingingo yafashwe n’abakuru b’ibihugu bahora mu Burundi, y’ukurungika mu Burundi abarorerezi amajana abiri b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Ububirigi hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bamenyesha ko bazokurikiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’izo ngingo, bakizera ko zizofsha mu kwubahiriza agateka ka zina muntu.


IGIHE

Messages

  • nyakubahwa ntubewibagiye kubibutsa gutanga indishi yakababaro bivanye ningorane bateje abarundi, hama cnared izoguma ita umwanya ibasha amakungu ngo muburundi ntareta ahari. babonye atakiriwe nkumushikiranganji?? Baramaze kubahinyura sha.

  • aba biligi nabo batanguye kugarukira reta, bamaze kubona ko bagomba gushira aho intahe ishize.

  • Belgium must fall and never come in burundi.
    This country has created a demon in our country .Thanks Jesus for He heard our prayer.
    belgium must be accused of creating a hutu and a tutsi division scenario
    Since 1960 ,we never see so much kiilings at arount 4millions burundian and rwandese died in less than 60 years because of beglium ideologie.
    If you analye clearly hutu-tutsi are the same people and there is no way that a tutsi came from another country!it is impossible because if a tutsi came from another country then he came to burundi as a baby who can not speak any language then learn it from hutu community and those baby were probabily boy-girl less than 6months and they had to marry each other !!That probability is 100%impossible.
    So are tutsi or hutu came together maybe ?or are hutu and tutsi exist as realy diffirent? i dont think so.
    Inside of any tribue in africa they are :eleveur et agricultureur" they sometimes seem diffrent within their trube some are tall and other are sort but they have same language and are not conscient about a tutsi or a hutu make up.
    This make up has been disigned by belgium teaching tutsi that they are superior than hutu as if they are the only ones who know how to read and writte! and tutsi have phschologically accepted that THIS IS A BIG PROBLEM WE HAVE. tutsi accepted that they are diffrent and superior .Exactly the ideology belgium wanted to be .tusti since then speak ,walk and think as they are superior
    And tutsi excluded hutu very badly then hutu accepted a lie that burundi belong to them only .Which is a lie becuase hutu-tutsi if they can speak the same language without any dialicts from somewhere since 700 years then they have the same ancestrors.
    The inferiority feeling guided hutu to exterminite his real brother so called tutsi

    SO WHAT IS THE SOLUTION?

    The only solutions should hutu to marry all tutsi ladies .At least 90% of the tutsi ladies should be married to hutu and the next 2generation of 50 years belgium will never have to divide us.BECAUSE THEY ARE STILL DIVIDING US SINCE 50YEARS PAST

    NB:Dont take me wrong please i just tried to think the way to resolve this ARTIFICIAL LIE that we are not the same and have a good and radical solution to eraducat killing and genocides minds within our society.
    THE WAY BELGIUM HAVE THINK TO DIVIDE US ,WE MUST THINK THE WAY TO UNITE US.

  • nivyiza arihamwebokuvikana ibintu bikajamuburyo vyobawa ntwedushakamahoro gusa

  • BASHA EKA UBUBIRIGI BUGOMBE BUSHIME GUT? KUKIBUTEMERA INTWARO IHARI IZOMBWA ZABAZUNGU MUMENYE BARUNDI BARUNDIKAZI KOZITAZOKWIGERA ZIKUNDIGIHUGU KURUSHA WEW UKIVAMWO

  • Mwirirwa mutuka ababirigi mwarangiza mukajya kubasabiriza, ngo muri hagije...., nimwihangane murebe ko mwamara 5 mois de plus mutarajya kubasabiriza

  • Nahora nibaza yuko kwa tamutegetsi wuburundi yo kwi yumviriye kuja mububirigi nayo birirwa baravuga kumara diyo hamwe nomubinyamakuru. burya abazungu bifitiye ubuhiye, umutuke ugiregute nirazima uterezwa kuzogenda kumusaba.

  • Mbega komwirirwa muratuka ububirigi Hama bwaca mukirukankayo muba mugiye gukora iki erega nivyabindi Ngo bayinena agatumba bakayirya akavyindi jewe nagira Ngo ntamu dd ashigikiye nkurumbi yorabisha ikirenge mububirigi uravye ningene mwirirwa murabatuka bwabundi abomwirirwa murahenda ngonibaje mumabarabara yaba arabo mbwira bobavuye inyuma kuko biragaragara ko ahobukera mubigarama

  • ALIKO ABARUNDI NTASONI BAGIRA KWELI . INZARA NI BIBAZO BYA GAFARANGA BIRABAKUBISE BIBAGIRWA IBIGAMBO BAVUGAGA NGO BALIHAGIJE NGO NTA BABILIGI BASHAKA MU GAHUGU KABO . NONE REBA NYAMITWE UKUNTU YISEKESHA NGO AREBE KO HALICYO BABAHA HUUUUUUUUUU

  • Politique Zirarutana Uwo Ni Umukenyuro.Rindira Iyo Ni Système.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.