Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwahagaritse burundu imfashanyo ku gipolisi c’Uburundi
Ububirigi bwahagaritse burundu imfashanyo ku gipolisi c’Uburundi
samedi 3 Gitugutu 2015
Umushikiranganji ajejwe gufashanya mu gihugu c’Ububirigi amenyesha ko igihugu ciwe gihagaritse vy’agateganyo zimwe mu mfashanyo catanga mu Burundi,ariko ko imfashanyo mu bijanye n’igipolisi zihagaritswe burundu.
Alexander De Croo yavuze ko iyo ngingo bayifashe batanezerewe,ariko ko Ububirigi buzobandanya guterera kugira Uburundi buve mu ngorane burimwo,kandi buzobandanya bufasha mu bijanye n’iterambere.
Umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe gufashanya avuga ko ibihe Uburundi burimwo butuma bagira ico bafashije.Avuga ko abarundi bashika ibihumbi 200 bahunze igihugu,ubutunzi nabwo bukaba bugoyagoya,kandi igihugu kigasa n’ikiriko kirikumira .
Alexander De Croo yamenyesheje ko naho biri ukwo,ariko bizeye ko vuba cane hagiye kuba ibiganiro bizotanga inyishu nziza ku barundi.
Alexander De Croo yavuze ko hari imfashanyo zizoguma zitangwa na cane cane izizewe ko zishika ku banyagihugu,muri izo avuga nk’imfashanyo zo mu gisata c’amagara y’abantu.
Van Naris Mugisha
Messages
3 Gitugutu 2015, 12:40, par Alice Irumva
Willy Nyami yavuze ngo Uburundi burikwije nta mfashanyo bukeneye,burashoboye guhemba neeeeza abakozi bose n,ibindi n,ibindi yaratanze ikiganiro kuri radio y,aba faransa,twarumiwe twumvise yasaze ahubwo,mbega ba bwenge buke!
3 Gitugutu 2015, 12:50, par François Hitimana
Aha! ubuho nivyahuha bigiy guhuhuka! Mbega none ico gi Police kigiy kubaho gute? Ye Nkurunziza aragowe pe! Niyemere ibiganiro,areke guta Igihugu mumanga! Ngejej-aho,ikiburirwa n-ikibona,ikibwirwa naco n-icumva..
3 Gitugutu 2015, 13:38, par zeno
izo nfashanyo niyo bazigumya ariko bagaha abarundi amahoro,kuko hari amahoro wanywa amazi ukaryama.
3 Gitugutu 2015, 15:37, par Ntakaburimvo
Ikitunezeye Abeneguhugu Nuko Iyongingo Idafata Amagara Yabenegihugu Bato.
3 Gitugutu 2015, 16:11, par Festus
Aho ninzigo yaho intambara itabaye muburundi ngo,babe baros isoko ryibirwanisho ahubwo ngira nabarundi twes tuzoc dupfa no la vie contnu
3 Gitugutu 2015, 16:11, par Dodo
NONE WEWE WOGUMA UFASHA IGIPOLISI CICA KIKIBA.EWE WA GIPOLISI URATEJE URUBWA IGIHUGU.
3 Gitugutu 2015, 17:59, par Kariyo
Nibahagarike, Kazima Dufise Umuryango WoseWa Nyamitwe Muri Leta. Ufise Ba Nyamitwe Babiri Muri Leta Basumba Abazungu.
3 Gitugutu 2015, 18:44, par WANGAWANGA
KUGEZUBU DUKNEYE KO AMAKUNGU AFATA INGINGO MWENIZO TURABEKO IZINTUNVA ZOKWUNVA IBIHUGU VYOSE BIFASHA UBURUNDI BIKWIYE GUFATA AKO KARORERO
3 Gitugutu 2015, 19:50, par Rugongo
Ahubwo twebwe abanyagihugu nitwe tuhagorewe rero ntimuterere kuvyamagara gusa ahubwo muduterere hakuru amasengesha kuko hari beshi babuze naho bakika umusaya
3 Gitugutu 2015, 20:44, par JUSTIN
IYO NGINGO NIBAYIFATE KUKO IGIPOLISI!!!!!!
3 Gitugutu 2015, 20:46, par JUSTIN
IYO NGINGO NIBAYIFATE KUKO IGIPOLISI!!!!!!
4 Gitugutu 2015, 02:24, par Fefe juju
Ko Baduhevy Ari Ba Kolonij Ighugu Cacu.Ntaco Ngra Bzokunda.Ibganiro Nivyza.Mana Tabara Uburundi.Muduheb? Twbw Urwaruka Turagow.
4 Gitugutu 2015, 06:36, par IMANA,NIYONKURU
MBEGA,UBUBIRIGI,BUKUNDA UBURUNDI,BUKANKA,ABAHUTU? TURABONYE,AHOMUHENGAMIYE HAMWE,NUBURAYI.NTAKUNDI
4 Gitugutu 2015, 11:04, par Falcon
Ego cane nimubavire hasi,reka turabe Nkurumbi nakarwi kiwe kimbonerakunya bimwe batubwira ko uburundi bwikwije,mugabo amatwi ansumira ngo permis de conduire yavuye kuri 30000 ija kuri 200000,reka turindire isukari,n’umuceri,....etc...
4 Gitugutu 2015, 12:28, par INTAGOHEKA
NIMUGUMANE MUDUTEGE NAKARE NTANRYA YUMUGAYO
4 Gitugutu 2015, 12:32, par charity
komera!!
4 Gitugutu 2015, 14:00, par yaya
Baribaratevye ndashima iyongingo ababirigi bafashe nakare icogipolisi nico kiriko kiramara abocarigikwiye gukingira
4 Gitugutu 2015, 14:11, par #bongo#
jewe amurantwenza.mbe ba sokuru bataronka amahera avuye kubabirigi ntibabaho?aho mumaramaye kubera ivyomwashaka bitakunze tuzoguma tubayeho,imana yoguma itanga imvura gusa nakare nahomwotanga ibinganiki imana itarwishije imvura ntitwobaho.ikindi aba polisi ntihazobura ikindi gihugu kibafasha kuko kiringombwa si ububirigi uburundi bwarasimvye imanga
4 Gitugutu 2015, 14:20, par 69125508
Ntabwo ar police ni milice,vyogorana kubandanya afasha milice,ahubwo ivyo ntibikwiy nibabarenguts i la haye naho kuk nabicanyi
4 Gitugutu 2015, 21:20, par King
Babirigi Nimba Mubonako Guhagarika Izomfasanyo Bizotuma Abarundi Tuva Mungorane Turimwo Nimubikore .Kand Murazi Ko Arimwe Mwahoze Mudukoroniza Murazi Aho Ingorane Zacu Zihagaze3 ém Mandat Rabe Igikwiye Gukorerwa Uburundi Kuk Bury Iyo Inzoka Yizingiriye Kugikombe Mukuyica Utegerezwa Kumenana Hamwe Naco Nuko Bimeze
4 Gitugutu 2015, 21:29, par King
Aho Nivyo? Ndabarahiye Batamaranye Baza Kuturya