IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwahagaritse burundu imfashanyo ku gipolisi c’Uburundi

Ububirigi bwahagaritse burundu imfashanyo ku gipolisi c’Uburundi

samedi 3 Gitugutu 2015

Umushikiranganji ajejwe gufashanya mu gihugu c’Ububirigi amenyesha ko igihugu ciwe gihagaritse vy’agateganyo zimwe mu mfashanyo catanga mu Burundi,ariko ko imfashanyo mu bijanye n’igipolisi zihagaritswe burundu.

Alexander De Croo yavuze ko iyo ngingo bayifashe batanezerewe,ariko ko Ububirigi buzobandanya guterera kugira Uburundi buve mu ngorane burimwo,kandi buzobandanya bufasha mu bijanye n’iterambere.

Umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe gufashanya avuga ko ibihe Uburundi burimwo butuma bagira ico bafashije.Avuga ko abarundi bashika ibihumbi 200 bahunze igihugu,ubutunzi nabwo bukaba bugoyagoya,kandi igihugu kigasa n’ikiriko kirikumira .

Alexander De Croo yamenyesheje ko naho biri ukwo,ariko bizeye ko vuba cane hagiye kuba ibiganiro bizotanga inyishu nziza ku barundi.

Alexander De Croo yavuze ko hari imfashanyo zizoguma zitangwa na cane cane izizewe ko zishika ku banyagihugu,muri izo avuga nk’imfashanyo zo mu gisata c’amagara y’abantu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.