IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubufaransa bwahagaritse infashanyo ku Burundi mu bijanye n’umutekano

Ubufaransa bwahagaritse infashanyo ku Burundi mu bijanye n’umutekano

mardi 26 Rusama 2015

Igihugu c’Ubufaransa cahagaritse infashanyo cahora giha Uburundi mu gisirikare no mu gipolisi.

Nk’uko amakuru ava mu buserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa abimenyesha,inyuma y’igihugu c’Ububirigi,Ubuhorande na Reta Zunze Ubumwe za Amerika,igihugu c’Ubufaransa naco camenyesheje ko gihagaritse gufasha igihugu c’Uburundi mu bijanye n’umutekano.

Igihugu c’Ubufaransa cari mu bihugu bifasha mu gutanga inyigisho ku basirikare b’abarundi baja kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya ku rwego rw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika AMISOM.

Ivyo bihugu vyatanguye gufata iyo ngingo,inyuma y’aho hatanguriye imyiyerekano yiyamiriza ko umukuru w’igihugu yosubira kwitoza kurongora Uburundi,abajejwe umutekano bamwe bakagirizwa n’abari mu myiyerekano ko bakoresha amasasu y’ukuri mu kubashwiragiza,ivyatumye hari abahasiga ubuzima.

Messages

  • baratebeje aho president yahora yishima NGO atanga ingabo ukamengo n’abana biwe yavyaye.akibagira abafasha kugira bishoboke.ubu rero nabahemb turabe.

  • none ga yemwe tugiye kuba abande!nah’IMANA

  • Ahubwo barabatebeje ku barungika twumvirize ijambo azosubira kuvuga ko iminsi yose avugako ubundi bufise amahoro gushika naho baja kuyagarukana mu bindi bihugu. hanyuma ngo abana n’abakenyezi bavugwa ku buntu, noneko ayo mahera agiye murizo nkinamico z’amatora ubu ho nta na paracetamore bazoronka ndabarahiye, nya bakozi nabo turabe ingene bazokwakira abo bavyeyi badahembwa!!!!. mamawe.

  • Jewe ikintangaza cane cane ni uko president ariko areka abantu bagakora ivyovyose vyokwica kandi ataco bazira imana imuharire

  • ATEGETSI BAGIYE KUZOTOGWA NIBIBAHE ICIGWA KUKO AMATORA AZOTINDA ASHOBOKE

  • Ivyo bakoze Pascal Risuba turabizi. Umwe wese yitwaza gufasha ariko intumbero ari ukwiba. Petrol iri muri Congo-Braza bagejeje kure biba ntikwiye aho tutaravuga na cocowa mu Cote d’ ivoire. Akaboko kamenyereye gukomba kama gahese. Ubu naho bashaka kuza kwiba Cobalt na Coltan mu Burundi. Ahubwo ni bugare n’ ambassade yabo hanyuma bakinjure batuvire mu gihugu.

  • Je ahubwo mbona uburundi bugiye guhagarara neza kuko wa muzungu yadutegekesha amahera ntaco azoba akivuga. Nibagende kuko nibo baha impigi abari mu migumuko hama twitunganirize igihugu

  • Je ahubwo mbona uburundi bugiye guhagarara neza kuko wa muzungu yadutegekesha amahera ntaco azoba akivuga. Nibagende kuko nibo baha impigi abari mu migumuko hama twitunganirize igihugu

  • wemugabo,mugihe ibihugu vyose vyarutura bikwikwikuyeko ntakintu wibaza?ugize n’umutungo w’igihugu ng’ugiye kuwushira mumatora!!! ubwo nubwenge buke ubunyene urabona wew’uzishoboza amatora atagihugu nakimwe kigufashije???vako vako vako!!!twanse 3eme mandat yari je kirimwabagabo nestor KINANIRA GITERANYI MUYINGA.

  • NIBASHAKE BAZIGUMYE.WANKA KUGABURIRA UMWANA WUWUNDI UWAWE AKANANUKA.

  • Abarundi dukwiye gusenga gusa Imana yonyene izodutabara.

  • bakaguma muhira emwe baracapfa

  • ewe babwenge buke murantera intuntu.rekura ubutegetsi bigikunda!!!!ubona uzotwara gute urintaho nikora?ariko amatungo yareta mwivye ngira muzoca muyagarukana’ahandiho ntimwotwara twishwe ninzara.vakungoma kananira abagabo ntiyimye.

  • iyo manda inyuranye n amategeko. iyo manda buc ihemb abaporisi? iyo manda ihebeshej abasirikare aho bahora bisumamwo buca bakwirahira peee!!!

  • INTIMENYA NIYO NTINEGURA .!!!!KANDI UMUPFU NTIYINUKIRA .!!!!!!SHO GANTAZINAWE EE NTURABONA KO BIKUNANIYE BS FARAO NTIBAHERA NIMURASE IPFURA YIWR ATURURE NKA FARAO WA EGIPTI NAHONYENE IMPERA YIWE NIMUMAZI .SIGURA PETER BISOBANURA IKI......? MBE MWATEGUYE INYUNDO ZO KURIMENA?NIVYOBISIGAYE NKUMUTI WANYUMA KUKO AMATAYINKUBA ...............

    .

  • MANA DATA UVYAGIY MW’IJURU DABARA UBURUNDI BWACU KUKO BUGEZ AGATEMBA.

  • Imana igarukire uburundi kuko ivyo tubona Nkurunziza agomba kuturya atwicayeko amakungu nabandanye amugondoza muburyo bushoboka ntiyitoze mana dufashe

  • Yemwe reka turindire.Turiko turikwegerako amakara mukuzibira amakungu.Iyi mandat izotuzanira akarambaraye kumwuzukuru.

  • Iyo Ngingo Yayo Ma Grandes Puissances Ni Nziza!Izo Nzego Z’umutekano Ntaco Ziriko Ziramarira Abanyagihugu Atari Ukuwuhungabanya!Sebuja Wabo Tuzoraba Ko Avyishoboza!

  • Ni bahagarike ariko baturekere ubwigenge bwacu. Na kare ivya gusa bitera ubwenge buke. Iyo igihugu cama giteze amashi amakungu,ingaruka zavyo n’uko gica gitegekwa n’ayo makungu nyene. Uburundi ni igihugu c’akatabonetse mu bwiza no mu butunzi, abadutwara gusa ni batuze abansi b’ Uburundi bashaka ko igihugu cama mu nryane ntigitekane kugira nticigere citeza imbere, bipfuza ko twama tuzeye inze kandi n’ayo makungu nyene arabifisemwo uruhara. Hanyuma AMISOM nayo ntizokwamaho kandi ntitwipfuza ko Somaliya cokwamamwo ingwano kugira abasirikare bacu bahembwe neza. Na mba! Ntituzokwama dukamisha amagorwa y’abandi, uwubiririmba nawe ntaho ataniye n’abo bandi batera akajagari muri Afrika kugira baronkeyo akazi.

  • Yezu ntananirwa kandi ntaho satani yigeze atsinda mubana b’Imana,igihe kirageze muzomubona Uwo Mwana w’Imana ivyo akara,yihoreye kera mwibaza ngo ntawuhari ariko umunsi nisaha bikagera muratangara kandi umwe wese kuco yakoze ingero bakwiranye azoyironka,yaduhaye ubwenge ngo tubukoreshe mubibereye aranaturinda kugeza ay magingo ntaco twatanze kuko har benshi batagihari ariko ntavyo tubona reka rero yikorere.

  • nimurek kwikura amate mukanwa muburund twifashij iki?komugirem y aronder mumishahara yabakoz nibwobutsunz mwishimak? ayoy muzoy aziza ntahuzobashigikir ashonje.

  • bakoze nabandi bogiruko vyoba vyiza

  • NTAKUNDI MUBURUNDI TURI BABAHE BIYAKE

  • Nimugende maze twifatanire nabandi mukuzoaubira kutwiyrgereza muzoribda kuduhonga ubonako akaryoshe kamaze kuboneka mu Burundi ubutugimba kubiyama kugezanaho bizotangaza Isi yose ahonwakatuvayanguje agati haragezeho tubereka kotwikukiye.

  • Ijambo Ry’Imana Rivuga ko "Hakurya Ibinoboye Birimwo Imitongano Worya Indumange Iri Mumuco."

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.