IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bw’abarundi bwahimbajwe mu ntara zose z’igihugu

Ubumwe bw’abarundi bwahimbajwe mu ntara zose z’igihugu

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Kuva itari 5 Ruhuma 1991,abarundi barahimbaza umunsi mukuru w’Ubumwe. bwo bwanatumye hasinywa amasezerano y’amahoro i Arusha muri Gitugutu 2000. Kuri uyo munsi abarundi bibuka imyaka 22 ihaciye y’ubumwe bw’abarundi,abarongoye inzego bifatanije hamwe benegihugu bo muntara zose muguhimbaza uwo musi.

Muguhugu cose, ivyo birorivytangujwe n’inkuka y’imisa aho basaba Imanango ibayobore munzira y’umwumvikano no kugiriranira ikingongwe.

Nyin’icubahiro umukuruw’igihugu Petero Nkurunziza yari mu ntara ya Gitega arikumwe n’abanyagihugu b’iyontara. Mw’ijambo ryiwe ryo kuri uwomunsi,yaribukije ibihe bigoye ubumwe bw’abarundi bwaciyemwo uhereye kwigandagurwa ry’incungu y’Uburundi umuganwa Rudoviko Rwagasore .

Ngo Uburundi bwaciye mubihe bigoye,ngo ariko igihe cose bwarashoboye kwigwanirira mu gukingira igihugu.Aca ahamagarira abarundi gushirahamwe bagashigikiranira no mubikorwa vyubaka iterambere.Yarongeye agaruka kuri wamuriro waturira isoko nkuru ya Bujumbura uturira n’ivyarimwo vyose, aca asaba intererano yumwe umwe wese kubwabo bose babuze ivyabo.

Icegera ca mbere c’umukuruw’igihugu Terence Sinunguruza yari mu ntara ya Cibitoke aho yibukije ivyiza vy’ubumwe kugirango bakomeze iteramberery’igihugu.Eka no mu ntara ya Ngozi icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri niyo yari. Inyuma y’ijambo ry’uwomusi hakurikiwe n’ibirori vya defile ndende yabakora muri iyo ntara.
Umukuru w’inamankenguzamateka Gabriel Ntisezerana yari mu gisagara ca Bujumbura ku kibanza citiriwe ubumwe bw’abarundi ku musozi wa Vugizo aho ivyo birori vyo kwibuka imyaka 22 ihaciye turonse ubumwe bw’abarundi.
Abandi barongozi bigihugu bari bagiye guserukira mu zindi ntara z’uburundi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.