IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE:’’Twizeye ko hazoba ibiganiro vya poritike mu gutegura amatora meza mu (...)

UE:’’Twizeye ko hazoba ibiganiro vya poritike mu gutegura amatora meza mu Burundi’’

samedi 2 Rusama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, rimenyesha ko rizokurikirana amatora azoba mu Burundi, yaba ayazotangura kuri uyu wa 26 Rusama uwu mwaka, kugeza ku matora y’umukuru w’igihugu.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, uwo murwi uzoba uje ubwa gatatu, kuva intambara ihagaze, amatora akaba mu mwaka w’2005. David Martin, umwe mu bagize inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya, akaba ariwe yagenywe mu kungora umurwi w’abanyaburaya, bazoba bariko bakurikirana amatora mu Burundi.

Uwo murwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, ukaba uzoba uri kumwe n’ayandi mashirahamwe azoba ariko afasha mw’ikurikiranwa ry’amatora, yaba amashirahamwe yo mu karere na mpuzamakungu nka MENUB, n’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, mu guterera mu matora meza, ataho yegamiye, kandi abereye ku mugaragaro. Ariko rero nk’uko biri muri iryo tangazo, ni vyiza ko ayo matora yoba, ataterabwoba canke ibangamirwa mu bikorwa ku binyamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu bibaye, nk’uko vyibonekeje mu minsi iheze. Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, rikizera ko ibiganiro vya poritike bigiye kuzoba, mu ntumbero yo gutegura amatora meza, atagiramwo intureka.

Kuva ku wa 24 Ndamukiza uwu mwaka, umurwi w’abahinga indwi mu gutegura matora, bakaba baja bari mu gisagara ca Bujumbura, hamwe ibintu vyoba bimeze neza, uwundi murwi w’abarorerezi b’ishirahamwe rya Buraya, Mission d’Observation Electorale (MOE) ugategekanya kurungika abandi bahinga 20 mu ndwi iza, nayo mu matora yose, uwo murwi ukazoba ufise abarorerezi bagera kuri 80, harimwo abo mu bihugu vya Norvège, Suisse na Canada.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mu gihe nk’ivyo biganiro bitohaba vyogenda gute ? Ayo matora boyashigikira canke boyiyamiriza hamwe n’abashigikiye ko Ibwirizwa shingiro ryubahirizwa ? Iyo mvugo ya U.E. ntitomoye nukuri... Mbega East African Community (EAC) irafise abazoyihagararira muri ayo matora yo mu Burundi. Nibanyarutse nabo barungike umugwi ujejwe kugurikirana amatora mu Burundi, kuko ntivyumvikana ngo abazungu babatanga gushika sur place bo bakiri muri Tanzaniya kandi vyitwa ko aribo ba kizimyamwoto mu karere ka EAC !!!

  • Ivyo biganiro ntibizoba ata mukiranutsi ahabonetse. Nihakogwe akagwi k’abaserukira ONU, UA, UE na EAC, bapfume batanga babiri babiri par organisation, c.a.d. 6 membres en tout, hanyuma batumeko Nkurunziza n’abo bashamiranye bose, kugira babumvikanishe kuri ico kibazo c’amatora cabaye ndanse mu Burundi. Ntitwemera ko ibintu biyangarana kandi Uburundi bufise ibihugu bibanyi n’amakungu yofashaka mu gutorera umuti ico kibazo kiriko kirasesa amaraso mu Gihugu. Guhagatiza ku bashamiranye birumvikana, ariko sivyo tworekurira ngo bite mu manga Igihu cose!

  • Ivyo Biganiro Ntibibe Arivyo Kuduhindurira Umukandida?Mbe Ivyo Yaranguye Mu Myaka Cumi Ko Tubibona,nabo Bakoze Iki?Kuvugira Kw’iradiyo Gusa?Nibaruhuke Batwaye Kera.

  • Nibagerageze bahanure amazi atararenga inkombe, kuko mbona ibintu biriko bigenda nabi cane, ariko imana irakunda uburundi n’abarundi izoturinda kabi

  • Nta biganiro na bimwe ,abashaka ubutegetsi nibagwane gushika hazosigare abo imana izi,iyo ngwano abatutsi batanguje twese tuzoyigwana gushika iheze nta biganiro na bimwe ayo ma pneus bazoyaturira hari igighe bazohiramwo barakitwara agatwe abo bicanyi batumariye abacu,igipolisi cacu gifise discipline iyomba nari muri co je nobahaye izo mu gahanga mwese hanyuma bakaja kumpfunga mwa mihimbiri mwe!!!Ndabira izo mva z’abatutsi ku ma baricades yo ku musaga ni za ndaya zabo zitega ubutakotako ngo bubeho ntaco bufise bukora,utwo duhimbiri tw’uduhungu ni utwahoze ari udu sans echecs twatumariye abantu izo mbwa rasa umwe wese azociribwe urubanza ku kazi yakoze,ni ibinywarumogi gusa pika iyo mihimbiri ntibasa nabi ngo basigaze,baberewe nakaburi izo mbwebwe!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.