Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubundi buryo buriko burigwa kugira abanyeshure 223 barekurwe na Boko (...)
 Ubundi buryo buriko burigwa kugira abanyeshure 223 barekurwe na Boko Haram
 Ubundi buryo buriko burigwa kugira abanyeshure 223 barekurwe na Boko Haram
				
				jeudi 15 Rusama 2014
Abanyeshure baherutse kunyuruzwa n’umuhari w’intagondwa wa Boko Haram mu gihugu ca Nigeria, imiryango yabo yarashoboye kubona bamwe ku mboneshakure aho berekanywe na Shekau.
Kugeza ubu rero, amakungu akaba ariko arakora ibishoboka vyose kugira abo bana bashobore gusubira mu miryango yabo. Igihugu c’Ubwongereza kikaba cemeye gutanga indege yoshobora kugenzura ahari abo bigeme 223 mw’ibanga ntangere, ndetse n’ugutanga abahinga bokorana n’abanyamerika, kugira abo bigeme bashobore kuvanwa mu vyara vy’abo bagizi ba nabi.
Igihugu ca Nigeria rero kikaba caremeye kugiriranira ibiganiro na Boko Haram kugira abo bana barekurwe. Ibihugu vya Rutura navyo, bikaba vyiyemeje kuguma bishigikiye ico gihugu ca Nigeria, na cane cane mu guhasha imirwi yose y’iterabwoba, imihari yagirizwa kuba ihohotera agateka ka zina muntu, mu kwama bagira ibitero ku banyagihugu binzira karengane, bagasiga babagandaguye.
Aristide Nizigire
