IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburenganzira bw’ugutunga karata simu zibiri z’umuhora umwe bwahagaritswe

Uburenganzira bw’ugutunga karata simu zibiri z’umuhora umwe bwahagaritswe

mercredi 23 Ntwarante 2016, par egide

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwatanze itegeko ko ata muntu n’umwe arekuriwe gutunga ikarata simu irenga imwe mu Burundi atahawe uruhusha n’igisata kijejwe kugenzura itumatumako mu Burundi (Agence de Régulation et de Contrôle des Télécommunications : ARCT). Ibihano vyarategekanijwe kubazorenga kuri iryo tegeko.

Mw’itegeko nshikiranganji ryateweko umukono kuwa 17 Ntwarante 2016 n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, bamenyesheje amashirahamwe yose akorera mu gisata c’ugutumatumako mu Burundi (Les opérateurs de téléphonie mobile) ko bibujijwe kugurisha canke gutanga ikarata simu irenga imwe ku munywanyi, kiretse bivuye ku ruhusha rwatanze n’igisata kijejwe kugenzura itumatumako mu Burundi (Agence de Régulation et de Contrôle des Télécommunications : ARCT).

Iryo tegeko nshikiranganji rivuga ko abarongoye amashirahamwe y’ugutumatumanako mu Burundi ategerezwa kugenzura ko abahawe amakarata simu aribo bayakoresha vy’ukuri, bitari ukwo naho izo katara simu zikugarwa. Mu gihe bitogenda uko naho, iryo tegeko nshikiranganji ritegekanya amande y’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi ishirahamwe rizotanga ku munywanyi wese bizoboneka ko ayo mategeko atubahirijwe.

Iryo tegeko nshikiranganji ritanga ububasha bukomeye ku gisata kijejwe kugenzura itumatumako mu Burundi, bw’ugushobora gukurikirana umwanya uwariwo wose, ata kubanza kubimenyesha, ibikorerwa ku mihora y’ugutumatumanako mu Burundi.

Amashirahamwe yokwanka igenzurwa n’ikurikiranwa ku mihora yayo azotangishwa ihadabu ry’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi.

Amashirahamwe akorera mu gisata c’ugutumatumako mu Burundi yahawe na Reta y’Uburundi ikiringo c’amezi abiri kugira atangure gushira mu ngiro izo ngingo zose zateweko umukono kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.