IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buremera kurekura abafatiwe mu myiyerekano bemeye kuva mu (...)

Uburundi buremera kurekura abafatiwe mu myiyerekano bemeye kuva mu mabarabara

mardi 5 Rusama 2015

Kugira icuka kibe ciza mu gihugu Reta y’Uburundi iriteguye kurekura abantu bafatiwe mu myiyerekano, ndetse no gusubiza inyuma imitahe yasohotse yo guhagarika abateguye iyo myiyerekano ariko ivyo bishoboka ari uko bemeye kuva mu mabarabara.

Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, niho hatanguzwa icese ibikogwa vy’iminsi ibiri, hagati y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’abegwa bose n’amatora yo mu 2015. Mw’ijambo ryiwe, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iriko irakora ibishoboka vyose kugira icuka kigume ari ciza, kugira amatora aze abe mu mahoro n’umutekano kandi ko biteguye gutangura ibiganiro nabo bose bahamagaje imyiyerekano kugira bihagarare.

Prosper Bazombanza aremeza ko no mu gihe hategurwa amatora yo mu myaka ya 2005 na 2010, hose hamye hari ibihuha vyinshi, kugira batere ubwoba abenegihugu ntibaje gutora, ariko ko ibiriko vyibonekeza muri kino gihe bitandukanye cane. Ku bwiwe, imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza yahavuye ivamwo imigumuko, aho agatanga akarorero kibiba aho abari muri iyo migumuko batera amabuye aba porisi, baturira ama pneu n’ibindi.... Reta y’Uburundi ntikiri ku rwego rwo gusaba ko imyiyerekano itegurwa hisunzwe amategeko, ahubwo ko iyo myiyerekano ihagarara vyanse bikunda, kugira hatangure ibiganiro.

Reta y’Uburundi iramenyesha kandi ko ibiganiro hagati y’abatwara ibimenyesha makuru n’amaradiyo vyatanguye kugira humvikanweko ingene hoza haratangwa amakuru, yerekeye umutekano w’igihugu kandi ko inyuma yaho n’ama radiyo yugawe azoca yugurugwa.

Naho biri uko, abatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza baramirira kure ivyo vyashikirijwe n’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu kuko ku bwabo nta biganiro bigikenewe kuvyerekeye ico kibazo c’ikiringo ca gatatu, kuko Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ategerezwa kubahiriza amategeko.

Nk’uko vyashikirijwe na Yohani Minani umwe mubateguye iyo myiyerekano, amenyesha ko batarota bahesha aho bose bobahereza mu munyororo kuko impera n’imperuka bose bazohebukira kwidegemvya. ibindi biratomoye neza naho Sentare y’ubuhariza ibwirizwa nshingiro yabiciye ukundi, ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu giciye kubiri n’amasezerano.

Aho mukamenya ko muri ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye, aho twovuga nk’abahoze batwara Uburundi Domitien Ndayizeye, Sylvestre Ntibantunganya, Umukuru w’umugambwe UPRONA Concilie Nibigira, Dr Jean Minani, Chauvineau Mugwengezo, Uwuserikira Reta zunze ubumwe za Amerika, uwuserukira ubumwe bwa buraya n’abandi.


Alida S.

Messages

  • jew mbona bigoy nne ko bavuga ibiganiro muga amategeko akaguma ahonyangwa emw birabananiy.mana yanj nurab igikwiy kuburundh n’abarundi

  • Oya ko mutavuga nk’abagobo kandi mwitwa muserukira abanyagihugu,uvuga vyo gutera abaporice amabuye ariko ukibagira ko bichwa na masase,uvuga vyo guturira amapine mukibagira ko mwebwe hoho muturiye igihugu,muzorekura abafashwe mu myerekano iyo bavuye mu mabarabara ,aho mwabonye ko ari ibijuju kuva mwibarabara banza mushire mungiro ivyabajanye mwibarabara president abanze akinjure abariko barapfa kubera amarongo yiwe ntavyo abona? imyaka 10mwatwaye muyibona nk’iminsi 10 ntoho two muha iyindi 10 ntaco ashoboye pe CNDD FDD tora uwundi mu aza kwitoza urabe ko batazova mwibarabara ariko iryo terabwoba mukoresha ry’imitahe canke kwica abenegihugu muribesha kubera ivyo basaba birumvikana 100% kuruta ivyo musaba 2%

  • mbega yemwe Abantu turagoye none ko umugabo wijambo yategerezwa gushira Aho intahe ishize none ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ryu burundi ko yashikirije ko Atamategeko nkurunziza Ahonyanze,kandi Ata muntu yigeze Amenyesha Abarundi namakungu yuko iyo sentare Abarundi ko batayemera kugira bashireho sentare yemegwa na bose ubu niho bavuga ko batemeye ivyiyo sentare? Abarundi twikebuke twubake igihugu cacu tureke kugitabagura imbere ni heza

  • Ivyo mutaganiriye imbere yuko baja mumabarabara ubu niho vyoshoboka?reka kwidigadiga basha erega abari mwibarabara si abakebwenge.n’abakeney umwumvikano mugihugu kandi s’ubwo bumwe nkuko bamwe babivuga.turindire turabe?

  • Konibaza Kabanyagihugu Bari Mumyiyerekano Biyamiriza Ikiringo Cagatatu Ca Nkurunziza None Nibaheba Kuja Mwibarabara Abafungwa Bakarekurwa.Azoca Areka Nukwitoza Nkurunziza?Vyomuburundi Biracagoye.

  • mubareke bakomeze yegeregere,amatora azoba ahatekanye,ahandi bazimeya, bazakomeze kugeza mandat ya 5ans irangiye ntimwabonye uko muri Nigeriya byagenze! tuzoreba uzobihomberamwo.

  • AMATORA AZOJAMWO USHAKA YITABIRWE N’ABASHAKA NTABINTU VYO KWINGINGA CANE.

  • ni mubarekura buzoca mugitondo basubira mumabarabara mwitondere ingingo mufata.

  • Ikiringo ca 3 c’umukuru wigihugu ategerezwa kuvako kuko atavuyeko azoba ahonyanze amasezerano y’i Harusha mubiringo 2 yaramaze gutwara ntaco yadukoreye kitunezera ahubwo yatumye abarundi benshi tuja mu mahanga.

  • Ivyiyumviro vya veas karufani ahubwo kubiba mu gihugu abifisemwo uruhara umuntu avuga ko imbere ari heza sindamutahura kuko atabona abapfa n’abahunga abo bigira agakomeye bazokabona kuko;<<kananira abagabo ntiyimye>>

  • BAZOMBANZA NTIYARAKWIYE NO KUVUGA IKINTU NA KIMWE MURI ICO GIHUGU.BACA UMUGANI MU KIRUNDI NGO"UMUPFU NTIYINUKIRA"MBEGA UMUNTU ATA KINTU NA KIMWE YAMAZE,AMAZE,KANDI MBONA KO ATACO AZOMARA MU MINSI ASIGAJE NDAVYE KAHISE KIWE,ARAVUGA MU BASHINGANTAHE!!!!UWAHENYE NTIYUNAMA,MUSHIRE KURI LISTE AZE AJANE N’ABANDI MURI MISSION PROLONGEE I BULAYA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.