IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buriko burasigurira ibihugu vya Buraya ingorane za poritike (...)

Uburundi buriko burasigurira ibihugu vya Buraya ingorane za poritike n’ubutunzi

vendredi 14 Ntwarante 2014

Inama hagati ya Reta y’Uburundi n’ibihugu vya Buraya iriko iraba, iyo nayo bikavugwa ko iriko irabira hamwe zimwe mu ngorane zihanze Uburundi, mu bisata vya poritike n’ubutunzi. Iyo nama ikaba yatumiwemwo bamwe mu bagize Reta y’Uburundi n’abaserukira ibihugu vya Buraya mu Burundi.

Bamwe mu baserukira ibihugu vya Buraya mu Burundi

Mu nyubakwa z’ihoteri PANORAMIC ahariko habera iyo nama kuri uyu muhingamo w’igenekerezo rya 14 Ntwarante uyu mwaka, uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama, akaba yavuze ko ari inama ije hageze, mu ntumbero yo kuyaga n’abarongoye ibisata bitandukanye vy’igihugu c’Uburundi.

Mu kumwitsa, Laurent Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yaserukiye Reta muri ivyo biyago, yavuze ko ibijanye n’ingorane zadutse kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante, hagati y’abaporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD co kimwe n’abakenyezi b’umuhari UFB aho abo banywanyi b’iyo migambwe ibiri bagiriza igiporisi ku bakubagura, kitaza guhara muri ivyo biyago. Ikindi kiza kuvugwa akaba ari ubutunzi bw’igihugu bugeze ahatemba.

Bamwe mu baserukiye ibisata vyabo muri iyo nama

N’aho ico kiyago kiriko kiba mu mwiherero, amakuru ikinyamakuru IGIHE cashoboye kuronka, avuga abarongoye ivyo bisata bose baserukiye Reta baja gusigura ingorane ziri mu bisata vyabo. Aha tukavuga nko mu gisata ca poritike n’imigambwe aho Edouard Nduwimana ari ngaho. Ubwo bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bukaba bwagirizwa kuba buhengamira ku mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, aho uyo mugambwe wonyene ariwo ugira ibikorwa vya poritike hagati mu gihugu gusa, urwaruka rw’Imbonerakure rukigenza ukwo rushatse ntirukomwakomwe, kugeza n’aho rukubita abajejwe umutekano kakaba akamizwe n’ingoma.

Abo mu yindi migambwe nabo, bahirahiriye ngo barahura, igiporisi kikaba cabashwaye. Aha akarorero, kakaba ak’umugambwe MSD, aho abanywanyi b’uyo mugambwe barashwe, bagaterwa amagerenade n’ivyuka vyokera kuri uyu wa gatandatu uheze. Nayo abanywanyi b’umugambwe UPRONA bayoboka karori Nditije, bakavuga ko ukwo bahuye, abaporisi babakubita, canke bakabatamwo ivyuka vyokera, gushika n’aho biheba bigaterwa abakenyezi b’uyo mugambwe, ku munsi mukuru w’umukenyezi, aho ahandi mu bindi bihugu, umukenyezi yari yahawe icubahiro, mu gukezwa kuri uyo munsi wamuhariwe.

Muri ico kiyago nyene, igisata c’umutekano naco caserukiwe n’umuyobozi mukuru w’igiporisi mu gihe umushikiranganji Gabriel Nizigama bavuze ko yafatiriwe. Nayo mu gisata c’ubutunzi, umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza ari mu rugendo rw’akazi i Nairobi, yaserukiwe n’umuyobozi ajejwe ivy’ikigega ca Reta.

Muri iyo nama kandi, hakaba hariyo na bamwe mu bashingamateka b’umugambwe CNDD FDD, nka Aime Nkurunziza, co kimwe n’abari mu murwi wigenga utegura amatora CENI. Iyo nama ikaba iriko iba mu mwiherero, ntamumenyeshamakuru n’umwe yarekuriwe kuyikurikira.

Laurent Kavakure umushikiranganji w'imigenderanire
Uwuserukira ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya mu Burundi

Aristide Nizigire

Messages

  • Abarundi batwara niba ari ibijuju bibaza ko kwihereranaumuzungu vyotuma yemera kwibagira agateka kazinamuntu n’amategeko abigenga?kwiyugarananaho reta yanse kumaramarira imbere y’abanyagihugu n’amakungu!!Murabeshavyose bizojahabona!!Mwibaza ngo kanyeshamba yohisha abazungu ivyabaye?Mbe DD ifise satelite zingahe aho amabanga yayo bakorera abanyagihugu amahanga atobimenya?Teka imitwe indani nayo hanze ntaco mucambariye:MWARAHINYUTSE.naho mugira ngo mubifukafuke

  • President adahinduye Nduwimana ingorane ntizirahera kandi inararibonye za CNDD-FDD zikwiye kuja hamwe bakaraba neza uwo mugabo ko atariko ashaka kubashira mu makosa ejo batazosigura.Je sindi mu mugambwe numwe ariko ivyo akora murabona ko amakungu yahagurutse kandi ubu amasentare mpuza makungu ntawe agera umutwe nubwo ubutungane bwacu bufunga inzira karengane abakoze amakosa bidegemvya muzoba mumbwira buraca bugacana ayandi.

  • Hewe ngo nuwagiriye inabukwe murugaraba vyaramenyekanye umuzungu we arazi amategeko ntavyo bamuhenda uburuhiro tuzobimenya.

  • Mushingantahe King uravuze neza yaba nari muri leta noguhaye agashimwe pe.ese abadede wokumva impanuro ubahe twoba twogoroye.irambire akarimbere karahinda.Pita ngo imbere niheza asha nzobandora ni data.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.