IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwibutse imyaka 52 Umuganwa atari umugani agandaguwe

Uburundi bwibutse imyaka 52 Umuganwa atari umugani agandaguwe

lundi 14 Gitugutu 2013

Nk’uko vyama biba buri mwaka kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, Uburundi buribuka igandagurwa ry’umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore yarondereye intahe y’ukwikukira Uburundi, aho yagandaguwe mu mwaka w’1961 kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu.

Ibirori bikaba biriko birabera mu gihugu cose, mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi. Uyu mwaka rero, uyo munsi ukaba uhimbajwe kuri iri genekerezo kubera ko igenekerezo rya 13 ryahuriranye n’umunsi w’akaruhuko. Mu gisagara ca Bujumbura aho uyo munsi uriko uhimbarizwa hamwe n’amakomine yose, ibirori vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe. Ivyo birori rero vy’uyu munsi bikaba vyatangujwe n’inkuka y’imisa yaherejwe kuri Cathédral Régina Mundi, aho umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Evariste Ngoyagoye yibukije ko abagandaguye uwarondereye intahe y’ukwikukira Uburundi bashaka kugumiza igihugu mu buja, ariko ko Rwagasore yitanze mu kuronderera iteka n’itekane igihugu n’abarundi.

Musenyeri Ngoyagoye akaba yabandanije amenyesha ko kubera ubwira bw’umuganwa atari umugani, Uburundi bwaronse ikibanza n’ijambo mu makungu. Muri iyo nkuka y’imisa nyene, umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura akaba yasavye Imana rugira vyose ko yofasha Uburundi, bugashika ku mahoro arama n’ugusubiza hamwe abarundi bose, bivanye n’indyane zitandukanye igihugu caciyemwo. Musenyeri Ngoyagoye akaba atibagiye n’ukugaruka ku rudandazwa rw’abantu rwambika iceyi igihugu. Kuri ivyo, Musenyeri ntiyibagiye gushimira umukuru w’igihugu ku ngingo yafashe yo guhasha n’ugushengeza abo bose bazagirwa n’ako kabi kabishe.

Ibirori rero vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye harimwo abagize umuryango wa Rwagasore, abarongoye imigambwe n’abandi. Ivyo birori bikaba vyaciye bibandaniriza ku ntatemwa y’umuganwa rudoviko Rwagasore, aho abanyecubahiro batari bake bari bagiye kumwunamira n’ukumushirako ingori z’amashurwe. Umuryango w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza niwo watanguye gushirako urugori rw’amashurwe, hakurikira abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umuryango w’umwami Mwambutsa, hahereza abakuru b’imigambwe yemewe n’amategeko yari yitavye ivyo birori.

JPEG - 42.8 ko
Umukuru w’umugambwe Karori Nditije ahejeje gushira urugori rw’amashurwe ku mva ya Rwagasore

Nk’uko vyama bigenda, abari ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore bateze amatwi ijambo yashikirije igenekerezo rya 20 Nyakanga 1961, inyuma y’iminsi ibiri gusa umugambwe w’Abadasigana UPRONA uronse intsinzi mu matora y’abashingamateka. Rudoviko Rwagasore yamenyesheje abarundi ko iyo habaye ihiganwa, hama harinuwutsinda n’uwutsindwa, ko no mu matora ari uko nyene, ariko ko bomenya ko intsinzi UPRONA yari imaze iminsi ibiri ironse ari iy’abarundi bose. Icipfuzo ca Rwagasore cari uko uwuba mu Burundi wese yobaho yubahirijwe, Leta nayo ikaba umuvyeyi ahumuriza bose. Yasavye abakuru b’umugambwe UPRONA kuba akarorero mu gutekanya abandi. N’aho yari ahejeje kwizerwa n’abanyagihugu bagatora umugambwe wiwe ku majwi menshi, umuganwa Rudoviko Rwagasore yamenyesheje ko adashobora kwemera intsinzi atabonye amahoro n’iterambere bikwiye igihugu cose.

JPEG - 47.2 ko
Umukuru w’umugambwe wa Rwagasore UPRONA, Karori Nditije

Umukuru w’umugambwe wa Rwagasore UPRONA, Karori Nditije yahamagariye abanyepolitike bose kwibuka iragi rya Rwagasore mu kugendera ubumwe, kuko igihe abarundi badohoka bugatosekara, inganda zarahatikiriye. Kubw’ivyo rero, abanyamigambwe bokwirinda ugucanishamwo. Nk’uko Rwagasore yavuze mw’ijambo ryiwe ko ata kwikukira kuvugwa iyo ubukene bugisinzikaje abanyagihugu, Karori Nditije yasavye abategetsi kurwanya ba kaboko, abarya igiturire n’abanyonyeza itunga ry’igihugu, maze uwatsinze amatora mu gihugu atwarire bose mu ntwaro rusangi, kuko na Rudoviko Rwagasore aho yatsinda yamenyesheje ko hadatsinze umugambwe UPRONA hatsinze abarundi bose, kandi ko uwatsinze n’uwatsinzwe bose ari abarundi, ko igihugu kibakeneye bose. Kubwa Karori Nditije, mu kurwanya amacakubiri, mu ntwaro boshiraho abakunda igihugu kuko abakunda inda aribo bazana ugucanishamwo.

N’abandi banyamigambwe bari bitavye ivyo birori, benshi bahuriza ku kubona ko iragi rya Rwagasore ryari rikwiye kubera inzira abanyepolitike bose. Kubwa Yeremiya Ngendakumana, yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD, ubu akaba ari umushingamateka w’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, umunyepolitike adakunda igihugu ntaco aba amaze, kuko atanico aba amariye abanyagihugu bamwizeye.

JPEG - 39.7 ko
Yeremiya Ngendakumana, yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD

Mwomenya ko n’aho uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bwari bwemeye imiduga izokwunguruza abashaka kuja ku ntatemwa y’umugamwa Rudoviko Rwagasore, abanyagihugu ntibari bitavye ku bwinshi akamo batewe. Ariko icabonetse, n’uko abari bitavye ivyo birori bose bubahirije akamo k’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko kutambara ibiranga imigambwe baje baturukamwo.

Ku cibutso c’uwiguze Uburundi kiri i Kiriri, hari intatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore n’iz’abana biwe babiri bitavye Imana nabo amezi atanu gusa inyuma y’igandagurwa ry’umuvyeyi wabo Rudoviko Rwagasore.

JPEG - 53.5 ko
Imva ya Rudoviko Rwagasore, ikikijwe n’iz’abakobwa biwe babiri
JPEG - 36.2 ko
Imva ya Marie Pia, umukobwa wa Rwagasore

Aristide Nizigire na Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.