IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buza mu kibanza c’145 mu kubahiriza ubwigenge bwo gutanga (...)

Uburundi buza mu kibanza c’145 mu kubahiriza ubwigenge bwo gutanga amakuru

jeudi 11 Ruheshi 2015

Mu cegeranyo casohowe na Reporters sans frontières Uburundi buza mu kibanza ca 145 ku bihugu 180 vyubahirije ubwigenge bwo gutangaza amakuru, mu mwaka w’2015.

Muri ico cegeranyo c’iryo shirahamwe casohotse kuri uyu wa 11 Ruheshi uwu mwaka, bakaba bavuga nk’ipfungurwa ry’ikigo c’abamenyeshamakuru, ariko amaradiyo yigenga adashobora kuhakorera, mu gihe ico kigo cari cugawe ku va ku wa 27 Ndamukiza uyu mwaka. Ku bwa Cléa Kahn-Sriber, umuyobozi w’akarere k’Afrika muri Reporters sans frontières abona ko harimwo ikumirwa rikorerwa amaradiyo yigenga, kubona amwe mu maradiyo nka Bonesha FM, RPA, Isanganiro, imboneshakure Renaissance na Iwacu Humuriza FM adashobora gukorera muri ico kigo ku mvo z’amatohoza, nk’uko vyashikirijwe na Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika.

Reporters sans frontières, muri ico cegeranyo, ikaba itibagiye kuvuga ku bijanye n’abamenyeshamakuru bahunze igihugu, aho abagera kuri 50, bataye izabo kubera ubwoba, muri ibi bihe Uburundi burimwo, hamwe n’abamenyeshamakuru mpuzamakungu babujijwe kurangurarira akazi kabo, ku butaka bw’Uburundi. Muri ico cegeranyo nyene, Reporters sans frontières ikaba itangazwa n’ikurwa mu bibanza vya bamwe mu bamenyeshamakuru bo mw’iradiyo nkuru y’igihugu. Aha Reporters sans frontières ivuga nk’ikurwa ry’umuyobozi w’iyo radiyo, agasubirirwa n’umwigisha wo mu mashure y’intango Jouma Leonard Dwayio.

Reporters sans frontières ivuga ko Freddy Nzeyimana yahora arongoye iradiyo y’igihugu, yazize guha ijambo abatavuga rumwe na Reta kuri iyo radiyo. Uwundi avugwa mu cegeranyo na Reporters sans frontières, ni Jacques Bukuru yahora ari umuyobozi w’uruganda rw’amakuru kw’iradiyo nkuru y’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Ivyo Mu Burundi Nuko Bimeze Utavuga Rumwe Wese Nubutegetsi Baca Bagukumira Mbere Ugasubirizwa Uwutabikwiye.Iyumvire Kuva Kwigisha Muri Primaire Ukaja Gutwara Iradio Utavyigiye.Mbega Methodologie Yukwigisha Harico Ipfana Nokumenyesha Amakuru.Twizere Imana Izodukurako Ivyobimwenya.

  • iradiyo ni bombe ikomeye ikoreshejwe nabi irateranya canke igatuma abantu bahunga rero izoradiyo turazikunda ariko nizikurikize amategeko kandi muburundi ubwigegebwo kumenyesha amakuru bwariho uko numukuru wigihugu usanga bamuvugako ibintu bibi ugasanga ntakibazo gusa ntawuri hejuru yamategeko nibatange inkuru zubaka bareke gusambura barabona ingaruka yavyo ko guhanganwa nareta bizana ingorane kandi bikazana urwanko nkakarorero gutanga inkuru utatohoje ugasanga harimwo ibinyoma none ntibihanwa? nkiradiyo abategetsi bose bagiye kubutegetsi bama bagirana ingorane wumva atamakosa ifise bayivuga ngirarengana ngo ntzopfa ivuze ibikorwa reta ikora nakimwe mbega iyo radiyo iritwara canke itwarwa nareta canke itwarwa iburaya muri amerika baraba babona ingaruka yinkuru zisambura abene gihugu twotuma twumva iradiyo imwe hakumwa izituma duhunga

  • @alexis wokwibaza impamvu mumuntu wese aho ahengamiye atigera abonaho amafuti? ntakibi kibura icokimara. iyumvire nawe rpa iyiba igikora aho igihugu kibakigeze? uburabona kimigumuko yataye inguvu kubera amaradio amwamwe akunda gukokeza atagikora. harigih kenshi ama radio atuma bibanabi. nibahindure!

  • Imana Ishimwe Kubona Rpa Yarugawe Kweli Ahubwo Ngirango Izohava Yugururwa.Ubu Imigumuko Iba Yarakwiye Igihugu Cose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.