IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahevye ikibanza c’ukuyobora inama y’abakuru b’ibihugu vya (...)

Uburundi bwahevye ikibanza c’ukuyobora inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC

dimanche 14 Ruhuhuma 2016, par egide

Uburundi bwahisemwo guheba intebe y’ubuyobozi bukuru bw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (East African Community). Bitegekanijwe ko Uganda ariyo izoca ifata ico kibanza cahoramwo Tanzaniya.

Uburundi butakaje ico kibanza mu gihe aribwo bwari buramukiwe muri uku kwezi kwa Ruhuhuma gusubirira Tanzaniya mu buyobozi bw’inama y’abakuru b’ibihugu bigize uwu muryango.

Amakuru dukesha Ikinyamakuru The East African amenyesha ko umwe mu bayobozi bakomeye muri Reta y’Uburundi yabwiye Ikinyamakuru The East African ko Uburundi kuja muri ico kibanza atarico bushira imbere, ahubwo ko Uburundi bushaka kubanza gutora umuti w’ibibazo biri hagati mu gihugu ku rwego rw’igihugu, harimwo n’umutekano muke uri mu gisagara ca Bujumbura.

Jean Claude Nsengiyumva yigeze kuba umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yamenyesheje kutayobora umuryango wa Afrika y’ubuseruko ku Burundi bitanyuranye n’amasezerano ashiraho uwo muryango, kuko vyigeze n’ukuba ku Rwanda, igihe ico gihugu cashaka kubanza gukemura ibibazo vy’imbere mu gihugu.

JPEG - 46.7 ko
Jean Claude Nsengiyumva yigeze kuba umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko

Jean Claude Nsengiyumva yabandanije amenyesha ko ibihugu bigenda birabisikanya muri ico kibanza, arico gituma Uburundi buzorindira akandi karyo, Jean Claude Nsengiyumva akavuga ko n’ubundi kuyobora ibindi bihugu bisaba ko uba uri imbere mu migambi yose ijanye n’akarere.

N’aho bwatakaje ikibanza c’ubuyobozi bw’inama y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Uburundi burindiriye ikibanza c’umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (East African Community). Biteganijwe ko mu kwezi kwa kane 2016 ariho Richard Sezibera azosozera ikiringo ciwe c’imyaka itanu.

Uburundi bumaze imyaka icenda mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, bukaba bwinjiriye rimwe n’Urwanda mu mwaka w’2007.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.