Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwaronkejwe indege irerura umukuru w’igihugu
Uburundi bwaronkejwe indege irerura umukuru w’igihugu
samedi 4 Gitugutu 2014
Inyuma y’imyaka umunani Falcon 50 igurishijwe, Reta y’Uburundi, ibifashijwemwo n’abasanzwe bayifasha, yaronse iyindi ndege irerura umukuru w’igihugu. Muri Reta y’Uburundi bavuga ko iyo ndege izofasha cane mu ngendo z’umukuru w’igihugu.
Mw’itangazo ryasohowe riteweko umukono na Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi, bamenyesha ko Uburundi bwaronse iyindi ndege irerura umukuru w’igihugu. Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi imenyesha ko yabifashijwemwo n’abasanzwe babafata mu mugongo (partenaires bilatéraux), iyo ndege ikaba ariko itarashika mu Burundi. Nk’uko tubikura muri iryo tangazo, ibikorwa vyose bitangura kugira bayizana mu Burundi vyaraheze (procédures de paiement, immatriculation et autorisations y relatives), bikaba vyitezwe ko izoshika mu Burundi vuba.
Muri Reta y’Uburundi ni umunezero mwinshi, kuko bavuga ko iyo ndege izofasha mu ngendo zitandukanye z’umukuru w’igihugu. Tubibutse ko iyo ndege igiye kurerura umukuru w’igihugu ibonetse inyuma y’imyaka umunani iyahora irerura abatwara Uburundi, Falcon 50 igurishijwe.
Egide Nduwimana
Messages
4 Gitugutu 2014, 10:43, par emabukuru
Bavuga dukora batangara amakungu ashima nciye nibuka akaririmbo ngo igere ryanyuma
4 Gitugutu 2014, 10:59, par Jeremie
Mbega yoyo ntizogurishwa,yew nize ayijemwo bwanyuma kuko ntagihe asigaje .
4 Gitugutu 2014, 12:00, par nahayo
Nayimotere uy’umwaka mumwaka uza izojamwo uyundi nyene inkono yiwe iri kuziko
4 Gitugutu 2014, 12:16, par MUKUNZI
ASHIIII !!NEZA CANE NIBAZE KO N IGIHE CARIKI NYENE;UBU NABO KUYIGENDESHA BARABAYE BENSHI [ IKINTU COSE N IGIHE CACO INDEGE NSHASHA KAZE URERURE INDONGOZI Z IGIHUGU...
4 Gitugutu 2014, 12:54, par Alain
haha basha niyo ntizomara 2 muzobwira
4 Gitugutu 2014, 13:20, par roza kamikazi
namba ari igiturire babahaye murazi ko mugikunda ko mudatobora iyo mfashanyo iyo yavuye. Namba ari aba chinois canke abahindi kuko ariyo mubika ivyo mwivye.
4 Gitugutu 2014, 16:48, par Bicakumashite
Yoyo Yitwa Ngwiki Ubo Si Nka Zimw Twumva Ngo Ni Atonov Niz Turab Ivyayo.Ndazi Arashobora Kuza Ikabura Icimara Burakey Tuvyerek Abagabo.
4 Gitugutu 2014, 17:28, par Bicakumashite
Harinizobita Atonov50 Zigezehe Yoyo Yitwa Ngwiki Iyigiriz Ivy’UBURUNDI Biragoy Niz Turab Ivyayo.
4 Gitugutu 2014, 18:46, par ngumi
nyene, kobari bagururishije uyoreruye nyakubawa mutama Agatto rwasa, bategerezwa gukinjura bakatuva imbere basize iyindi kandi nshansha mutama nawe iyidagaduremwe.
4 Gitugutu 2014, 20:12, par vios
nagashimwe bahawe naya societe baheruka kwegurira nickel kubuntu,ibindi ni blabla gusa ikindi niyo yahora agenderamwo yari yabarya nyene baraye bashikirijwe burya butare, hehehe ugasanga arirya kwabaye uguharurirmwo.
Yaco muhenda abeneburundi
ciao
4 Gitugutu 2014, 21:17, par WWW.COM
AZOBATWARAMWANKA ZISHAHURWAZIBWEJA.
5 Gitugutu 2014, 08:40, par Victor
Nosaba,iyo.Ndege Kobobanzabakayihozabakayizana.Inyumayamatora
7 Gitugutu 2014, 19:42, par matwi
Iyo yoyo iragurishijwe nk’iyaa mbere. Mbega kuva twikukiye ntidushobora kwigurira indege? Erega turateye isoni. Inyuruzwa ry’amatunga ya leta ririho ntirishobora ko leta igira aho y’ikora. Kwama uteze akaboko après 52 ans d’indépendance, btivyari bikwiye n’ukuvugwa. Ubugabo burihabwa. Giramahoro.