IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Tirikiya

Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Tirikiya

lundi 31 Myandagaro 2015

Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’ Uburundi bimenyesha ko Reta y’Uburundi yateye umukono ku masezerano yo gufashanya mu bijanye n’ubutunzi hagati y’Uburundi n’igihugu ca Tirikiya.

Ayo masezerano hagati y’Uburundi na Tirikiya ategekanya kworosha urudandazwa hagati y’ibibi bihugu bibiri, biciye mu guhanahana amakuru, kugenderanira, gutegura amahayanishwa gurishwa no gushiraho umurwi w’ubutunzi uhuriwemwo n‘Uburundi na Tirikiya.

Ishirahamwe ryo gutumatumanako ITS rikorera mu gihugu ca Tirikiya, camaze guhabwa amasezerano yo kwubaka no kugenzura ingene imirongo ya telefone n’ ibindi vyose bica mu kirere biva canke bija mu Burundi bikora.

Iradiyo y’abafaransa RFI imenyesha ko ata vyinshi vyatangajwe ku gitigir c’amafaranga ari muri ayo masezerano, ariko n’ibihugu bimwe vyari vyahagaritse infashanyo vyaha Uburundi navyo biragoma gusubira ku ngingo vyari vyafashe yo guhagarika gufasha Uburundi.

Muri ivyo bihugu havugwamwo Uburusiya, Ubushinwa na Misiri bishobora gusubira kunagura ugufashanya kwari gusanzwe hagati yavyo n’Uburundi mu bijanye n’ubudandaji.

Mwomenya ko ivyo bibaye inyuma yaho ibihugu bitari bike vyo ku mugabane wa Buraya bimenyeshereje ko bidashobora kubandanya gufasha Uburundi,mu gihe hatoba amatora yizewe nabose kandi yitabwe na bose.


Van Naris Mugisha

Messages

  • BABONYEKO’MUBURUNDI ARINYABAGENDWA.KIRETSE,IPFAMUTIMA,BITUKIGIHUGU,CABIBARUTSE.

  • Reka guhuma amaso abarundi, ubushinwa niryari bwigeze buhagarika gufasha uburundi ko mwabahaye ubunzi bwoshikanye uburundi kuntambwe mukabwegurira ubushinwa hamwe n’uburusiya ahubwo ntukomeye sega neza ndazi ko ari kwereka abandi bahora bafasha uburundi kugira ngo babafashe biciye kubushinwa nuburusiya kandi ivyo bihugu bitigeze bihagarika ,bari kubihera hehe ko bari bagushigikiye na nubu. Amavoka wateye ntaco azomarira igihugu? Ko yatwaye amamiriyaridi abarundi barikuzorya imyaka itaharurwa none amahera yaheze utanguye kuta akanwa. Mwavuze ati ahuko igihugu kija mungorane za POLITIQUE coja mungorane z’ubutunzi none mwabibwira abarundi? Canke mwabibwira ababafasha reka ubukene butumesure hama wandikishe amateka bazoguhe umudari wurupfu

  • emma

    tirikiya karibu iwacu burundi, kimwegusa muze mwubahirize ayo masezerano, kandi mwirinde bagateranya.

  • ego shanyakubahwa pierre nkurunziza urakoze gukora neza kubwayo masezerano muhanye hama ivyobihugu navyo ngovyahagarits ifashanyo bimaramare nkurunziza irambire.

  • Egooo Tuzoca Dutangura Kubah Amavoka Birire Kko Twarayatey Bikwiy.

  • komera nyakwubahwa president wuburundi wewe nise wabarundi bandanya wambike uburundi umutamana izombwa nazo zisara zibandanye zisare abarundi twese muntara 17 zuburundi tubandanye gufatana munda tugushigikire udukorere akazi. god bless you so much.

  • Komera kumuheto mutama, nabagiye bazokwigarukana mu Burundi harakaryoshe, uwukwanka akwandureko pe.

  • ivyo bihugu nta kindi bigomba atari ukwica democratie mu burundi,birondera inyungu zavyo mu gushigikira abakoresha intwaro y’igikenye.amaherezo ya vyose azoba ayahe ko mbona hazoba ukudahuza hagati y’ibihugu vya rutura ku kibazo c’uburundi?

  • Ariko mwebw mwandik muz mu me kuvug ukuri chin na rusi barigez bavug ivyo guhagarika imfashanyo

  • Komera Muvyeyi Peter Nkurunziza abagutaye bazokwigombesha.

  • Komera Muvyeyi Peter Nkurunziza abagutaye bazokwigombesha.

  • Uyo yi yita scott
    Ubwo butunzi uvuga washaka tubwegurire nde?Et pourqoui?Ngo sega neza,abatutsi za muranuma,mwamaze imyaka amajana mutegeka nta n’ivoka mwasize mwasize igihugu kigaragara,reka agerageze uwutabishimye arabe iyo aja,aho mwari muzi ko tuzopfa ngo nuko ababiligi bahagaritse imfashanyo?Nimuvyuke mumenye ko ubu amafaranga adafiswe n’abanyabulaya gusa.

  • Komera Mutama Abagutaye Bazogarukabicungura Abarundi Isinzi Turinyumayawe Ramba.

  • Papa wanje wacu President Nkurinziza turagukunda bimwevyahatali.

  • Ikimazi abanyakibi batanga nigisesema ku Horaho, ariko ahimbagwa nugusenga kwa bagororotsi.

  • Abarund Twes Nabarundikaz Tugomb Kumeny Ikijamber Cubak Uburund Kand Tugatahur Ijambo Politique Ico Rivug.Ivyamok Tukabivam Twes Tukarab Ahotuj Nahotuv Murukund Ntanger.Nahubundi Ayo Makung Yos Tutavanguy Ntanez Adushakir Bafis Ivyobaronder.Gus Mwibuk Ko Gupfa Uzir Ukur Ntah Bitaniy Nikinyom.Ibuk Amatek Y’uburundi Turasang Turimw Turary Tudakor Mbe Igih Ivyobadusigiy Vyahez Tuzobahogut Mbe Uravyar Rwac Ko Turwibagir?Gabany Inda Murwiz Ubweng N’ibikorw.Com

  • Pita Nkurunziza Nareke Bandi Batware Kuko Tugezehabi Burundi Buri Mubibazo

  • NABANDI BARINYUMA IMANA IZOBAZANA NYAKUBAHWA UMUKURUWIGIHUGUNAHANGAME MUGUKOMEZAKURONDERA ABAGENZI NATWE MUMISI TUZOBA TURI AMERKA ARIKO BIZOVAKURITWEBWE ABARUNDI DUTEGEREZWA GUKUNDA IGIHUGUCACU NTITUBE NKA TOBIYA NASANIBARATI MUSOME KURU YANEHEMIYA UKUNTUYUBAKA TOBIYA NAMUGENZIWE BAGOMBAGUSAMBURA IRIKO KUBWUMUGAMBIWIMANA YARIFISE KURI YERUSAREMU NTIVYABAKUNDIYE

  • None Abafasha Uburundi
    Bahagaritse Imfashanyo
    Vyogenda Gut?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.