IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Afrika (...)

Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Afrika y’Epfo

mercredi 5 Munyonyo 2014

Reta y’Uburundi yateye umukono ku masezerano yo gufashanya hamwe na Reta ya Afrika y’epfo. Ayo masezerano ashiraho umurwi ugizwe n’impande zompi uzokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano.

JPEG - 157.2 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari kumwe na Jacob Zuma aramutswa Afrika y’Epfo

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe na Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo barakurikiranwe igikorwa co gutera umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi na Afrika y’Epfo. Ayo masezerano yateweko umukono n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ivyo bihugu vyompi, ico gikorwa kikaba cabereye i Cap Town, mu nyubakwa z’inama nshingamateka y’igihugu ca Afrika y’Epfo. Ivyo bihugu vyompi vyumvikanye gufashanya mu bijanye n’inkino n’imico kama.

Mu nama yahuje abarwizatunga b’abarundi n’abo muri Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahamagariye abarwizatunga bo muri Afrika y’Epfo kuzana imitahe yabo mu Burundi, kuko ari igihugu gisigaye kirangwamwo amahoro, kandi corohereza abanyamitahe.

Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yamenyesheje ko igihugu arongoye kizokwama hafi y’Uburundi mu bijanye n’uguhanahana ubumenyi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Aho Nyakurambamutware mwiza.nibaze bakorer hano iwacu kandi amahoro niyose naho barwankabiyago (societe civile na adc)birirwa baricafuriza igihugu cabo ukamenga ingaruka ntizigera no kubabo.wewe turakwizey

  • Ko mutavuze ko bamwimye ibigwanisho yabasavye? Naho yogira nte azokurwa uwo mugamba

  • Jewe nibazako Peter Nkurunziza ariko arakora ingendo ziwe zanyuma imbere yuko ibiringo vyiwe bibiri birangirana na Juin 2015

  • Komeza perezida wacu wuburundi iyomigambimyiza wamanye. Hanyumanagomgankebure abavugako usigaje igihegitoya kuntebe yubukurubwigihugu Ko bodusigurira neza icobababashatse kuviga, mbegabababashaka kuvigako uwusigaje igihegitoya kutebeyubutegetsi yocahagarika kuronderera ineza igihuhu? Kuwavuzengo yasavye ibirwanishobarabimwima rekandakubaze wewewibazako ivyobirwanisho vyozana iterambere muburundirimezegute? Abategetsimushaka kobojahorero nabokwirirwa bajahusaba ibirwanisho!? Murahumiwe canke mwaramazeguhumirwa.

  • Azotuyobora mpaka twebwe nyene abarundi twunvise ikiri k’umutima kigize ati ashiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii!,muvyemera canke muvyanka.nitwe twamuhaye kandi nitwe tuzomusubiriza mugihe tuzobona ko bikenewe,sako kagwi gatoya rero kintunva,kama kigumura ,gashaka kwigira nkutwinda yigira mwibutura,komera ,ramba nyakwubahwa president wacu,teza igihugu imbere gishike kumajambere arama!!.

  • Hahahaaaa muga aratwenza keri uwo Nkurunziza kubona aza kubesha ngo uBurundi nigihugu kirangwamwo amahoro nabanyamerika na babirigi bariko barabuza ababo gutembera mubibanza bimwebimwe Edward nduwimana nawe ngo uburundi ntamutekano uriho kuko imirwi yiterabwoba yaramaze kwinjira hahaa aradutwengeje kweri

  • Komera muhanyi!! Izo mbura maboko nazo zishinga kugimura abanyagihugu zizotwereka Imigambi zaranguye kugira tuzitore!

  • Abantu mwese mwirata kuri nkurunziza Pierre ntawukorako kuko iterambere riri mu burundi ntiyari bwaboneke imikandarugi ni nume kuko bavuga bareke ico imana yiteguye tigihinduka murazi ko nabatutsi bakoreye nabi abahutu ariko raba barabaye aba president

  • mbona bigoye ivyubu. ko atavuze vyabigabo bisigaye bitembera mwijoro vyambaye AMAKOTI MAREMARE ; aho avuga ngo umutekano ni mwiza!

  • Muratwengeje kweli igihuguc’uburundintikizigerakironkumutekano atigute? manzamwumvikanemushabikanyubikanyubutegetsi kuberiki hakirindyane hagati yabanyamigambwe?mugabo musimbirakumaradiyo ngomuburundihasigaye harumutekano.Rekagutuhenda!!!twarabahinyuye!!.

  • Hahahahahaaaaa. Reka twitwengere amenyo aragutwenga ari ayawe. Ngo iterambere rirangwa mu Burundi aho 2/3 vy’abarundi bishwe n’inzara, uBurundi buri mu mu bihugu 3 vya mbere bikenye kw’isi, ubukene bw’abavuzi, abigisha babinonosoy, Ivyo nivyo mwita iterambere. Iyo abasahura ubutunzi bw’igihugu bubatse amagorofa yabo ataco amariy abanyagihugu nivyo mwita iterambere. Raba ubushomeri buri mu gihugu aho ata muntu akironka akazi, ivyo nivyo mwita iterambere???? Nayo ivyo ko Nkurunziza azotwara gushika izo ni indoto kandi si uwa mbere agize bene izo ndoto ariko bose birabatekurukana. Uwuheruka ni Blaise Compaoré nawe nyene yatanguye nk’uko Nkurunziza yiyumvira none raba ingene yahejej. Uturorero ni twinshi cane ariko ni kubera tutaraba kure gusa.

  • Ni mwirambire batama bacu murushirize gutsimbataza amahoro n’ubumwe n’iterambere nu bihugu vyacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.