IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwemeye gufasha Congo kugarukana amahoro bidaciye mu (...)

Uburundi bwemeye gufasha Congo kugarukana amahoro bidaciye mu ngwano

lundi 27 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yahawe umubonano na Ban-Ki Moon, umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 26 Rusama 2013, mu nama idasanzwe barimwo igira iya 21 y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Mu kiyago c’abo banyecubahiro, bariko bahanahana ivyiyumviro ku ruhara Uburundi bwogira mu bikorwa vyo gushigikira amahoro mu karere hamwe no kw’isi aho bikenewe.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje ko baterwa intege cane n’uruhara Uburundi bwagize mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro n’umutekano kwisi, ariko avuga cane cane abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya hamwe n’abazogenda mu gihugu ca Mali mu misi ya vuba.

Abo bategetsi bompi barongeyebaravugana ku ntererano y’Uburundi mu gusubiza ibintu mu buryo mu bumanuko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Uburundi bukaba butazoja ku rubuga rw’ingwano rwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Uburundi bukaba bwemeye gukora ibishoboka vyose haba ivyerekeye ibikoresho nk‘ikibuga c’indege ca Bujumbura cofasha mu kuhaca atari gusa mu buryo bwo kuhacisha ibikoresho, ahubwo no kuri izo ngabo nk’uko vyashikirijwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Uburundi burasaba kuri iyo mvo ishirahamwe mpuzampakungu ONU ko bofasha mu gusubiramwo ico kibuga c’indege ca Bujumbura aho kizokwononekara kubwo kwama haca ibikoresho bikomeye kandi biremereye cane bigenda mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.