IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwitavye inama ya Barack OBAMA ijanye n’intwaro ibereye muri (...)

Uburundi bwitavye inama ya Barack OBAMA ijanye n’intwaro ibereye muri Afrika

lundi 4 Myandagaro 2014

Abakuru b’ibihugu 47 bo muri Afrika batumiwe mu nama yahamagajwe na Barack Obama, ikazotangura kuri uwu wa kabiri. Mu bizovugirwa muri iyo nama, harimwo ibijanye n’intwaro ibereye muri Afrika, hamwe n’ugukorera hamwe hagati ya Amerika na Afrika mu bijanye n’urudandazwa.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu batumiwe muri iyo nama, akaba yafashe urugendo kuri uwu w’Imana. Barack Obama, umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika atumyeko iyo nama inyuma y’aho abahinga muvy’ubutunzi bwa Amerika baboneye ko igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika kirungika imitahe mike muri Afrika, mu gihe ibindi bihugu nk’Ubushinwa, bibandanya kurwiza ibidandazwa vyinjira muri Afrika. Muri iyo nama izotangura kuri uwu wa kabiri, umukuru w’igihugu Barack Obama azohanahana ivyiyumviro n’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika ku kungene bokorana mu bijanye n’ubudandaji.

Muri iyo nama, abakuru b’ibihugu batumiwe bazogaruka no ku bijanye n’intwaro ibereye muri Afrika. Umukuru w’igihugu Barack Obama akaba atumyeko iyo nama inyuma y’aho avugiye, ku birori vy’ugupfuba umuhisi Nelson Mandela, ko Afrika idashobora gutera imbere intwaro rusangi idakomejwe.

Tubamenyeshe ko hari bimwe mu bihugu bitatumiwe ku mvo z’uko bitubahiriza ibwirizwa shingiro, hamwe n’ibihugu vyafatiwe ibihano n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.