IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwoba buzorungika abasirikare muri Centrafrika

Uburundi bwoba buzorungika abasirikare muri Centrafrika

lundi 10 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu ca Congo, Denis Sassou Nguesso arasaba ashimitse ko Uburundi bworungika ingabo mu gihugu ca Centrafrique mu mugambi wo guhagararira amahoro.

Mu kwezi kwa Rusama, Denis Sassou Nguesso, umukuru w’igihugu ca Congo yararungitse i Bujumbura intumwa yiwe, Basile Ikouébé umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu kugira baganire n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ku kibazo c’abasirikare amajana atanu borungikwa muri Centrafrika, ahasanzwe hari n’ingabo amajana abiri z’igihugu ca Congo. Abo bategetsi bompi bakaba bapfunditse ko ico kibazo kigiye kwigwa neza.

Inyuma y’uwo mubonano, mu nama y’ubumwe bwa Afrika yahuje abakuru b’ibihugu i Addis-Abeba, Uburundi bwoba butanyuzwe n’ico cipfuzo co kurungika ingabo muri Centrafrika ziyongera ku ziri muri Somaliya na Haïti, mu gihe kandi abasirikare b’abarundi bakenewe mu kuzocungera umutekano mu matora y’umwaka w’2015.

Denis Sassou Nguesso akaba ategekanya kwiyizira i Bujumbura muri uku kwezi kwa Ruheshi mu rugendo rw’imisi ibiri, aho azokwivuganira ubwiwe ico kibazo n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.