IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi na Nouvelle Zelande bisaba gushigikirana

Uburundi na Nouvelle Zelande bisaba gushigikirana

mardi 17 Kigarama 2013

Mu mubonano intumwa idasanzwe y’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Nouvelle Zélande yahawe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Laurent Kavakure, kabaye akaryo ko gusaba Uburundi ko bwoshigikira ico gihugu kuja mu murwi w’akanama k’ibihugu bijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, maze Uburundi nabwo buca busaba ico gihugu kugishigikira mu kwinjira mw’ishirahamwe rya Commonwealth.

Muri urwo rugendo Donald Mckinnon intumwa idasanzwe y’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Nouvelle Zelande arimwo i Bujumbura yakeje abarundi, mu bikorwa barimwo vyo kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye. Nayo ku kibazo co gushigikira ico gihugu mu nama ijejwe umutekano ya ONU, Kavakure yavuze ko inyishu bazoyicisha mu gisata c’imigenderanire n’ibindi bihugu.

JPEG - 37.7 ko
Laurent Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu akaba nawe yaciye aboneraho akaryo ko gusaba iyo ntumwa idasanzwe, ko igihugu ca Nouvelle Zelande coshigikira Uburundi nabwo mw’isaba ry’iyinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza. Kavakure amenyesha ko Uburundi buri mw’ishirahamwe ry’ibihugu biri mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, ako karere nako, kakaba gahurikiyemwo ibihugu biri mu muryango wa Commonwealth, umuryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza.

Intumwa idasanzwe y’umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle Zelande akaba yasavye Uburundi kwuzuza ibikenewe, maze nawe aca yemera kuzoshikana ubutumwa ku wa murungitse i Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.