IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi na Zambiya biyemeje kunagura imigenderanire

Uburundi na Zambiya biyemeje kunagura imigenderanire

mardi 5 Munyonyo 2013

Intumwa zo mu gihugu ca Zambiya zimaze iminsi ine mu bikorwa mu Burundi bashikirije umukuru w’igihugu icegeranyo c’ivyo bumvikanye, mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri isa n’iyari yaribagiwe.

JPEG - 70.9 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aramukanije na Wylbur SIMUUSA, umushikiranganji w’imigenderanire ya Zambiya n’ayandi makungu

Izo ntumwa zo mu gihugu ca Zambiya zari zirongowe n’umushikiranganji w’imigenderanire ya Zambiya n’ibindi bihugu, Wylbur Simuusa, inyuma y’uwo mubonano bahawe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 5 Munyonyo 2013, yamenyesheje ko intambara Uburundi bwamazemwo imwaka ariyo yatumye imigenderanire y’ivyo bihugu vyompi isa n’iyidatera imbere. Yamenyesheje ko mu masezerano bagiraniye, agashirwako umukono kuri uno munsi, bagiye kugarukira ugufashanya hagati y’ivyo bihugu.

Igisata c’indero kigiye kugarukirwa imbere y’ibindi. Igihugu ca Zambiya gisanzwe kivuga ururimi rw’icongereza kigiye kuza kirarungika abigisha mu Burundi, abo mu Burundi nabo basanzwe bavuga igifaransa bazorungikwa muri Zambiya, mu ntumbero yo kwunguranya ubumenyi. N’abanyeshure bo muri ivyo bihugu vyompi ntibazosigara inyuma.

Ikiyaga Tanganyika kigiye kuba nkenerwa mu guhanahana ibidandazwa hagati y’Uburundi na Zambiya. Muri ayo masezerano yateweko umukono muri uwo mubonano, n’ibisata vy’ubutunzi, uburimyi n’inkino bigiye kugarukirwa mu migenderanire y’Uburundi na Zambiya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.