IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi bwahojeje umuryango wa Hafsa (...)

Ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi bwahojeje umuryango wa Hafsa Mossi

jeudi 14 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi bumenyesha ko iyicwa ry’umushingamateka Hafsa Mossi ryerekana ko umutekano mu Burundi ubandanya gutituka, iryo shirahamwe rigasaba ko abakoze ubwo bwicanyi bomenyekana kandi bagashengezwa imbere y’ubutungane.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa kane, inyuma y’iyicwa ry’umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi bwahojeje umuryango wa Hafsa Mossi, ubwo buserukizi bugasaba ko amatohoza kuri ubwo bwicanyi hamwe n’ubundi bwose bumaze kuba yokorwa, abavyagirizwa babihanirwe.

JPEG - 54.9 ko
Umushingamateka Hafsa Mossi yarasiwe i Bujumbura

Muri ubwo buserukizi bamenyesha ko ubwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi bidashobora kuba inzira y’ukurondera umuti w’ibibazo biri mu Burundi.

Ubumwe bwa Buraya buvuga ko vyihutitwa ko impande zose zokwiyemeza kuja mu biganiro vya poritike bihagarariwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bifashijwemwo n’umuhuza Benjamin William Mkapa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.