IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwahawe imiduga 64

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwahawe imiduga 64

lundi 2 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Imiduga igera kuri 64 yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, mu mugambi "Amagara meza".

Uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi, Patrick Spirlet, yashikirije umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana, kuri uwu wa mbere, imiduga 64 izokoreshwa mu bikorwa vy’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida.
Mw’ijambo yashikirije, Patrick SPIRLET yibukije ko amagara y’abantu ariyo soko ry’iterambere n’ukurwanya ubukene.

JPEG - 102.8 ko
Patrick SPIRLET, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi, yashikirije iyo miduga Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu

Iyo miduga yatanzwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe rya buraya mu Burundi igizwe n’imiduga 42 yo mu bwoko bwa "pickups", 19 yo mu bwoko bwa "ambulances" (imiduga rusehabaniha), imiduga ibiri y’ukwiyunguruza, hamwe n’umuduga umwe wo mu bwoko bwaya miduga irinda imisozi n’ahantu hatameze neza (véhicule tout terrain). Iyo yose ikazofasha mu gukomeza ibikorwa vy’ukubungabunga amagara y’abantu mu mihingo itandukanye.

Ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bwatanze iyo miduga bubicishije mu mugambi "AMAGARA MEZA" watanguye kuva muri Nyakanga 2011 ukaba uzosozerwa muri Myandagaro 2015. Abanyagihugu bafashwa n’ibikorwa vy’uwo mugambi baharurwa mu miriyoni zitatu n’ibice bitanu, bakaba ari abo mu ntara za Bubanza, Bujumbura rural, Bururi, Cankuzo, Karuzi, Makamba, Rutana na Ruyigi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.