IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwagaragaje amakenga kuri bimwe mu (...)

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwagaragaje amakenga kuri bimwe mu bisabwa n’abanyamigambwe

samedi 6 Ruheshi 2015

Ubushikiranganji bw’imigenderanire mu Burundi bumenyesha ko bwatangaye bwumvise ivyashikirijwe n’imigambwe 17 itavuga rumwe na Reta aho yagiriza intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini Said Djinnit,ko ahengamye mu biganiro ariko arabagirisha bibahuza na Reta y’Uburundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono kuwa gatanu igenekerezo rya 5 Ruheshi, Ubushikiranganji bw’imigenderanire no gufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko ivyashikirijwe n’imigambwe itavugarumwe na Reta bishobora gutuma ibiganiro vyatanguye biteba,bikagira ingaruka kandi ku matora yimirije.

Ivyo ubushikiranganji bwabishikirije,inyuma yaho imigambwe 17 itavugarumwe na Reta imenyeshereje ko Said Djinnit arongoye ibiganiro ahengamiye ku ruhande rwa Reta,ivyatumye iyo migambwe isaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kurungika uwundi muhuza.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire no gufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu,bukaboneraho akaryo ko kumenyesha abarundi n’amakungu ko Reta y’Uburundi yiteguye gushira mu ngiro ivyo vyose vyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere yabereye I Dar-Es-Salaam kuw’Imana igenekerezo rya 31 Rusama.

Ubwo bushikiranganji burangiza iryo tangazo busubira kwemeza ko Reta y’Uburundi yiyemeje gutegura neza amatora yubahirije ibiringo vyemezwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Messages

  • Abafise aho bahengamiye bose babakure mu biriko bibera mu burundi,muhere ku ba biligi boheje UE,nabo bahengamiye ku badashaka amatora,bashaka kuzimanganya cnddfdd,ni umugambwe banka,ariko turahangamye!

  • Ntakindi bipfuza atari ukudusubiza mwihumbi bo ngo bagomba intwaro mfatakibanza ivyo abarundi dukunda demokasi tutazokwihanganira kuk amase yakera ntagihoma urutaro

  • Jewe nibaza ko ivyo biyumvira bitagira ishingiro,muri 2010 bikuye mumatora bitwaza ibindi,none ngo bakeneye ama transition ahubwo nohanura Leta ko yohamerera magabo kuko bamaze kubwira amakungu ngo ntamatora ahari kuko yemeye kwegezayo ikiringo c,amatora.
    Twosaba ko botubwira ikiranga minsi c,amatora abo nabo babihoze kuko bahisemwo kumera nka gahini,bahisemwo guturira no kwica abantu mu manifestation kuko ntibiteguye kuja hamwe n,abandi ahubwo biteguriye imyiyerekano
    Amakungu rero yoyo yigira ngo arabira kure ibintu atangure kubaza abo batanga amategeko yo kurekurira abantu mwibarabara baturira bica mwumviseko ba mbonimpa aribo batanga iminsi yo kuruhuka canke yokubandanya babashira mumabarabara rero amakungu n,ababaze igituma babatumye gukora ivyo bariko bakora

  • Umugambwe CNDD FDD Hamwe N’imigamwe Itavuga Rumwe Na Reta Y’Uburundi Ikwiriye Kuja Hamwe Igashira Hasi Ubupinzani N’amacakubiri Iruhande, Hanyuma Ikabanza Ikijukira Igikorwa C’ukwigisha Abanyagihugu Mu Bijanye N’amahoro Kuko Amatora Meza N’ubutware Bwiza Biboneka Mugihe Haba Har’amahoro Mu Banyagihugu. Mbega Abarundi Twahumiwe N’iki Ko Tutigera Twumvikana Na Rimwe? Uko Buca N’uko Bwira Niko Tuguma Turonka Ibibazo. Ntitube Akarorero Kabi Muri Afrika ,ahubwo Twikebure Dufukame Dusabe Imana Idutandukanye N’intambara Kuko Hatari Amahoro N’igihugu Ntigitera Imbere. Uburundi Bwari Bwiza Ariko Bwononywe N’abantu Bake Batabushakira Amahoro Nabo Ni Bande? Twese Tubibaze! Ndabipfuziriza Amahoro Abarundi Bose Imana Ituje Imbere Amen.

  • ahubwo dushenge IMANA kugira igire ico ikoze kuburundi abantu kuva ahobahereye bapfa sivuba abahengama nabo bajobibazwa

  • Leta nitubwire itariki y’amatora ibibazo tubikemure. Naho izo ntagonywa zoturira abantu zibahora ubwoko ibyazo byararangiye. Ni ukumoka gusa.

  • Abo nabamenyeye za ntwaro zamagaburanyama kuko ataco bamariye abarundi.bashaka ivyagusa bitera ubwénge buke. Ntituzovyemera.

  • Koffi ANNAN a raison: le Président a perdu sa legitimité, il doit démissionner, il a commis plusieurs fois " l’abus de confiance qui le fait déchoir des fonctions d’autorité dont le peuple l’avait chargé àdes fins absolument opposées", "le pouvoir fait retour au peuple, qui a le droit de reprendre sa liberté originelle et d’établir telle législature nouvelle que bon lui semble pour assurer sa sûreté et sa sécurité, qui sont la fin qu’il poursuit dans l’état social. » citation: JOHN LOCKE. Le President de l’Assemblée Nationale devrait assurer le pilotage des elections paisibles et transparentes.

  • Ahaaaaa kubanda kwiba amatora emwe ntivyontangaza bivuzwe nuyo umwe numuhanuzi, uyundi nwe numushikiranganj, ubuho ngo numuvyeyi nunva ngo yashikiwz, nintwaro yacami pe

  • Aho muriko muvuga iki? ikibazo ni 3eme mandat, hama yakibigwanisho imbones,hama aje muri 7 eme bataillon, ba dolfu nabandi tuzobahana ivyo bivuye munzira

  • Murandika ariko mwese muca kuruhande gw’ikibazo,ikibazo si amatora,ikibazo ni Nkurunziza nako Nkurumbi kuko iyaza kuba Nkurunziza aba yaratanze inkuru nziza koko none yabaye Nkurumbi kuko amaraso ari kumeneka niwe ari kutyamena.Nasokore kuri manda ya Gatatu murabe ko amahoro ataboneka.CDD FDD wogira ngo NKURUMBI niwe bafise wenyene,nibatanga nge uwundi amusimbura mu matora abe ariwe ahiganwa n’abandi niba koko CDD FDD ari umugambwe wiyubatse neza,ikibazo CDD FDD ifise nuko atawundi bafise boshira imbere kuko Nyabenda Pascal ntiyoshobora gutegeka u Burundi Nyamitwe we ntanaho bobicisha bavuga ko ariwe batanze keretse bashaka uwuzohora abashorera Zahabu bivye muri Congo.ibiganiro bidashimikiye kukiringo ca Gatatu ca Nkurumbi ntaco vyoba bimaze kuko niyo soko y’amaraso ari kumeneka mu Burundi.Abanyamigambwe nabo nyene sinzi ico barondera kuko niba boyaga na lete batavugana kukiringo ca Gatatu nabo nyene boba ari banjanye niryo boba ari abagigiza bagigiriza aho bari gusa batigera batera imbere.Abanyamigambwe nimuve mu Bugigiza muje kuvugana na Leta muvugana kukilingo ca 3 gusa naho ibisigaye mwovugako vyose mwoba muri nk’abasazi basurira mumuyaga ngo umusuzu wabo uri bwumvikane kubera ubwinshi bwabo kandi umuyaga wawutwaye.Abanyamigambwe niba muri kurondera Leta mfatakibanza muzoba mwananiwe biboneka ko murondera umugati, Nkurunziza nako Nkurumbi nasokore habe amatora,mfata kibanzayo mwoba mubaye babandi nababariye haruguru.Murantunga

  • Ahaaa Mana Yo Mw,ijuru Abarundi Bananiwe Nivyobo Nushitse Imigambi Yawe!Nn Umuhuza Ntajejwe Guhuza!Ntawuzomutegeka Ivyo Agira Kuko Kugira Harinde Haza Umunyamahanga Abarundi Baribananiwe!Nn Nihaza Uwundi Ho Bazomuhurizako?Yemwe Banyepolitique B,ububurundi Shira Imbere Inyungu Y,igihugu N,abanyagihugu Mureke Gushira Inyungu Zanyu Gusa Imbere!Twisamburireko Nk,impene?Nn Uyumusi Abarundi N,igihugu Mugomba Dukore Iki?Mana Fasha Uburundi!

  • ntanakimwe muzokora ngo mushimishe izo ntagondwa zibinywa maraso nibantaho mfatwa nkumwana ahiye mukwaha bobo intumbero yabo nuko atamatoraa yoba kuko barazi neza ko badashobora kuyatsinda

  • mbe! munyika karishizingani ukubahuka ukavugako muburundi hari democratie abasi bisi babarundi naw urimwo caka uska ntuteme ahusuma

  • Icombona mwotangaza itariki yamatora twebwe abenegihugu tubereke uburenganzirabwacu ahobugarukira nayo abashakakwerekanako aribo bafise uburengazira bwokwama mumacenga nomukwama bipfuza intwaro zimfatakibanza baheze bazogume mubiganiro vyogusaba intwaro zimfatakibanza arikotwebwe abenegihugu tuzobatwarahejeje kubereka intwarodushaka ukozijaho. Nagombakubibutsako nomumatora yomuri 2010 twarahejeje kwerekana Ko intwaro dukeneye kwariyo twitoreye biciye bugazanduku kamatora kanditwarabikoze kuvicoguhe abashaka intwaro zamagaburangama (mfatakibanza) baciye batangura gusaba ibiganiro nunomusi ijwiryabo ntirahinduka please give citizens their time bacurubanza nayo abashaka intwaro mfatakibaza bazokwama bisabira ibiganiro vyokuzishiraho forever and ever, that why the citizens we can’t keep waiting them. Please open elections for citizen, and I apologize who need transaction government. Thank you.

  • Amakungunadufasheturabeyuko Tworuhukakwamanintekerakumutwe Ntamuntunumweyipfuja Retamfatakibanja Mugabomumenyeyuko Abanyagihugutwarushe Nukurarantibuca Ahubwo Ceni Nitunganye Ikirangamisicamtora Biyinaniyenaho Itangimihoho Nonenihsikamirongo26ju8atamatora Araba Harocahabiki ?Inyishukuri Cen

  • emma

    banyakubahwa ivyomukora vyose mumenyeko abo bari mumigambwe batitwara batwagwa na vitari bena nininahazwe na mbonimpa abobagabo bose ntamatora bakeneye bakeneye amaraso yabarundi aseseka jewe icombona nikutureka tugwane nabobasi bamahoro.

  • president avuyeho twagira amahoro murakoze

  • Mbega uwo munyagihugu atwara iyo ministere asumvya iki abandi?ntakundi ubwenge bwiwe niho bugera,UMUBURANYI AREMERA CANKE AGAHAKANA UMUCAMANZA AHENGAMYE

  • Barundi mubamuburudi no mumahanga, ndabasabako mutotwarwa n’umukino abanyepolitike bariko barakina. Ntakindi atarukugirango baburizemwo amatora tuce dutangura kujujuvywa dutwarwe n’abo tutatoye ngo nimfatakibanza. Muragaba

  • THAT IS OKEY FOR THOSE POLITICIANS MEN. IF THAT FOREGNER WAS COMING TO LYE IN OUR COUNTRY,HE CAN SEE PROBLEMS. HE MUST SAY TRUE DON’T SAY MISTAKES. YOU POLITICIAN MEN, BIG UP SANA. DON’T HAVE FEAR WE ARE BEHIND YOU.

  • THAT IS OKEY FOR THOSE POLITICIANS MEN. IF THAT FOREGNER WAS COMING TO LYE IN OUR COUNTRY,HE CAN SEE PROBLEMS. HE MUST SAY TRUE DON’T SAY MISTAKES. YOU POLITICIAN MEN, BIG UP SANA. DON’T HAVE FEAR WE ARE BEHIND YOU.

  • mbe ndayicariye ntiyovuga ibiharuro vy’amatora!!ko tuzi abifise mû machine:CNDD-fdd(75%),Upro-dd(6%),Copa(5%),fnl Jacques(4%)....abasigaye bafis 1% umwumwe!!none iyo leta ifise 99,9 z’umutekano biyinanira gte gutegura amatora?bwabundi rero kari akarimi gusa!0,01% niyo ikomeye!!bacumugani ngo "umusumari urinjira mu giti"DD biyumviye ngo n’igiti kinini ariko harabonetse agasumari kayizibura!!yataye umutwe

  • uwafise imbugita ikirindi niwe akomeye kumbura muje mumatora bariko babinginga ngo muje mumatora mwanka ejo muzovuga.ibibindi nituva muri demokrasi kandi ico mwomenya ninfata kibanza ni pita azoyitwara kuko ntawundi muzoganira kuko na kudeta yarabananiye none mwirirwa mutabaza amakungu niwe ntawundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.