IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha abahenda abanyeshure

Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha abahenda abanyeshure

vendredi 10 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi bumenyesha ko ubugizi bwa nabi bwibonekeza mu mashure buva ahanini ku mvo za poritike. Ubwo bushikiranganji buragabisha abazogaragara ko aribo bari inyuma yavyo.

Ubwo bushikiranganji bugabishije inyuma y’aho hari abanyeshure bo ku mashure yisumbuye atandukanye basibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Mw’itangazo ubwo bwasohoye kuri uwu wa kane, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, OP1 Pierre NKURIKIYE yaragabishije aboba bari inyuma y’ivyo bikorwa.

Kubwa OP1 Pierre NKURIKIYE, abosha abo banyeshure muri ivyo bikorwa bafise intumbero ya poritike, akavuga ko barondera guteza umutekano muke ku mashure. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko buzokora ibishoboka vyose kugira umutekano w’abanyeshure n’abarezi wubahirizwe, akavuga kandi ko ubwo bushikiranganji butazokwihanganira abazokwagirwa n’ico caha.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

OP1 Pierre NKURIKIYE ahanura abanyeshure kutarwa mu mutego w’abababesha barondera inyungu zabo, kandi ahabo barahejeje amashure.

Tubibutse ko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yatanguje dosiye y’amatohoza ku banyeshure bo ku mashure yisumbuye atatu yo mu ntara ya Muramvya, bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Batandatu muri cumi n’umwe bagirizwa ico caha bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.

Dosiye ya mbere ni RMP 16336/NPC ikurikirana abanyeshure batandatu bakiri abana (Mineurs), ariko abo batandatu bakaba kuri uwu wa kabiri bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.

Dosiye igira kabiri ni RMP 16337/HG ikurikirana abanyeshure batanu bakwije imyaka y’ugukurikiranwa n’ubutungane (Majeurs), nabo nyene bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Urubanza rwabo rukaba ruzoburanishwa nk’uko amategeko abitegekanya.

Abo banyeshure bagirizwa ko aribo bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu vy’ishure shingiro abo banyeshure bigiramwo.

Tubibutse kandi ko n’abanyeshure 337 bo mu mwaka w’umunani kw’ishure shingiro ryo mu Ruziba, muri zone Kanyosha baheruka kwirukanwa bose bahorwa isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu bakoresha, iyo sanamu abanyeshure bataramenyekana bakaba barayisibanganije.


IGIHE

Messages

  • Mutohoze kuk umunyeshur ntaciyumvir copfa kumujamw cogusibangany i photo yanyakubahw ahumbw murab nez ko atari umwigisha abah iyo cour ko atariw yankanish avg nabi se barundi bamukorereko.nayo kumbwaj mvuze nti harambe nkurunziza

  • Jewendumunyeshure Wigiharo Rutana Nukuri Ndagira Ngotuja Kwiga Nonenkabo Banyeshure Bagovyiki?Ndagira Bagiye Kwiga Ariko,bakaba Bagiyekwonona?Nibareke Kwonona Ibitabu Vyareta Nibakurikiranwe Uwabigize Ahanwe Ok

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.