IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwahojeje umuryango wa Désiré (...)

Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwahojeje umuryango wa Désiré Niyondiko

jeudi 13 Ntwarante 2014

Ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru bwasohoye itangazo, aho buhoza umuryango w’abamenyeshamakuru n’incuti z’umumenyeshamakuru Désiré Niyondiko yitavye Imana ku bitaro BUMEREC, mu gatondo ko kuwa kabiri igenekerezo rya 11 Ntwarante 2014.

Désiré Niyondiko yashinguwe kuri uwu wa kane mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, akaba yahitanwe n’indwara ya kanseri yo mu gitigu. Ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru, mw’itangazo bwasohoye ku munsi w’ejo kuwa kane, bamenyesha ko bakiranye umubabaro mwinshi inkuru y’urupfu rw’umumenyeshamakuru Désiré Niyondiko yahoze akorera insamirizi Isanganiro, mu nyuma akorera Studio Ijambo.

JPEG - 26 ko
Désiré Niyondiko yasize umupfasoni n’abana batatu bakiri bato

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka, Tharcisse Nkezabahizi, bamenyesheje ko urupfu rwa Désiré Niyondiko ari agahombo ku muryango w’abamenyeshamakuru bo mu Burundi, bo ku karere Uburundi buherereyemwo, mbere no kw’isi yose. Ubwo bushikiranganji bwasavye umuryango wiwe, hamwe n’abo bakoranye ko bokwigumya muri iyi minsi y’umubabaro.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.