IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bugiye kuronka inyubakwa (...)

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bugiye kuronka inyubakwa zabwo

samedi 19 Nzero 2013

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Singuruza yarashize ibuye rya mbere ku mushinge w’inyubakwa zizoba zirimwo ibiro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Nzero 2013 mu bigo vy’ibiro bikuru vy’intwaramiheto.

Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Nzero 2013, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza yaratanguje ibikorwa vyo kwubaka ibiro bizokoreramwo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu gushira ibuye rya mbere ku mushinge w’iyo nyubakwa mu bigo vy’ibiro bikuru vy’intwaramiheto.

Muri iyo ntumbero nyene icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarashize ibuye rya mbere ku mushinge w’inyubakwa izokwakira abanyeshure b’abigeme biga mw’ishuri kaminuza ry’intwazangabo ISCAM.

Inyuma y’ivyo bikorwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza yaciye aja mw’ikambi ya Muha aho yinjiye inyubakwa zigizwe n’ibiro hamwe n’iyindi nyubakwa y’amanama.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.