Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutare bugiye kudandazwa biciye mu mategeko
 Ubutare bugiye kudandazwa biciye mu mategeko
 Ubutare bugiye kudandazwa biciye mu mategeko
				
				mercredi 27 Ruhuhuma 2013
Ingingo zimwe zimwe zarashizwe mungiro mukurwanya idandazwa ry’ubutare bidaciye mumategeko mubihugu biri munama mpuzamakungu y’ibihugu biri mukarere kibiyaga bigari CIRGL mupfunyapfunyo.I vyo bizotuma haba ihiganwa kw’isoko mpuzamakungu ry’ubutare.
Ivyo bihugu biri munama mpuzamakungu y’ibihugu biri mukarere kibiyaga bigari bigiye gutanga urupapuro kuvyerekeye ubutare.
Repubilika iharanira demokarasi ya Congo hamwe n’Urwanda biri imbere mugihe Uburundi bugicumbagira.Ivyo bitumwa nuko mwivyo bihugu politike y’ubutare iteye imbere.Nkuko Sinigaya Silas abimenyesha, ajejwe kurwanya gucukura no kudandaza ubutare bidaciye mumategeko munama y’abagize komite y’igihugu bari munama mpuzamakungu y’ibihugu vyo mukarere k’ibiyaga bigari CIRGL mupfunyapfunyo.
Irambona Dorine
