IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutungane bw’Uburundi bwaraciriye urubanza abayoboke ba Zebiya

Ubutungane bw’Uburundi bwaraciriye urubanza abayoboke ba Zebiya

mardi 2 Ndamukiza 2013

Igipolisi c’Uburundi carataye mu mvuto abayoboke ba Zebiya bagera ku majana abiri barenze ku tegeko ribabuza kuja gusengera mu kibanza c’i Businde, muri komine Gahombo, intara ya Kayanza.

Hari ku w’Imana wa pasika aho igipolisi caronka inkuru ko abo bayoboke bariko bagana i Businde bavuye mu mihingo myinshi y’igihugu: Ngozi, Bujumbura, Gitega, Kirundo, Muyinga. Nta maraso yasesetse nk’uko vyaheruka gushika. Abajejwe umutekano bavyifashemwo neza, bahagarikamwo abatari bake, begeranirizwa mu Kigarama(niho bataniye mu mitwe ubuheruka).

Barabajijwe n’inyamiramabi umwe wese ku gatwe kiwe. Bamwe muribo bararekuwe, abashika mirongo itatu na babiri(32) baca bajanwa imbere y’ubutungane mu ntara ya Kayanza.

Urubanza rwashashe ku mugoroba, isaha cumi na zibiri zirenga, kandi imbere y’impande zose n’abanyagihugu isinzi bo mu ntara ya Kayanza bari baje gukurikirana urwo rubanza. Uwariko aburanira abayoboke ba Zebiya, Maitre Nyanzira, ntako atagize kugira asigure ko abo aburanira ata caha kibagira, ariko biba ivy’ubusa.

Yasavye ko abarongoye ekereziya gatorika boza kubazwa ivyo vyaha kuko aribo bahezagiye umusaraba wahora ushinzwe aho i Businde. Yavuze ati: “Bahezagiye uwo musaraba kuko bemera ko abakiristu boza gusengera muri ico kibanza.” Mu nyishu yamuhaye, uwuserukira Leta yamubajije ati:” Woba utamenye ko abo nyene barongoye ekereziya basohoye ingingo ihamagarira abakristu kudasubira kuja gusengera muri ico kibanza?”

Abayoboke bari bahurikiyemwo abakozi ba Leta n’abanyeshure bo muri za kaminuza bisiguye ko amategeko bubaha ari ayava ku Mana, atari ku bantu. Inyuma y’impari zamaze amasaha atari make, urubanza rwahavuye rusomwa kandi rurakurikizwa igihe c’isaha zine z’ijoro.

Mirongo itatu muri bo baciriwe umunyororo w’imyaka itatu n’amande y’amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi. Abo babiri basigaye bari abatarakwiza imyaka cumi n’umunani. Baciriwe umunyororo w’amezi atandatu n’amande y’amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi.

N’abandi bayoboke ba Zebiya bahiga kudahesha kuja gusengera i Businde baragabishijwe ko ubutungane butazobihanganira, ko bazohanwa hakurikijwe amategeko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.