IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuzima bw’umuganwa Rudoviko Rwagasore yarondereye Uburundi ukwikukira

Ubuzima bw’umuganwa Rudoviko Rwagasore yarondereye Uburundi ukwikukira

vendredi 1er Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe Uburundi bwibuka kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 1 Mukakaro 2016 imyaka 54 iheze umuganwa Rudoviko Rwagasore arondereye Uburundi intahe y’ukwikukira, ikinyamakuru IGIHE cashimye kugaruka kuvyaranze ubuzima bw’uwo muganwa, umuhungu w’umwami Mwambutsa n’umwamikazi Thérèse Kanyonga.

Umuganwa Rudoviko Rwagasore yatanguye ubuzima bwa poritike akiri muto. Yerekwa ko Uburundi buzoba bwiza, burangwa n’intwaro rusangi. Niwe yashikanye iguhugu ku ntahe yo kwikukira. Ntiyikunda, yakunda igihugu, ntiyashira imbere inyungu ziwe, ahubwo iz’igihugu.

Ni umuhungu w’umwami Mwambutsa n’umwamikazi Thérèse Kanyonga. Rudoviko Rwagasore yavukiye mu ntara ya Gitega igenekerezo rya 10 Nzero mu mwaka w’1932. Yatanguye amashure matomato afise imyaka indwi ahitwa mu Bukeye, hanyuma abandaniriza i Kanyinya mu ntara ya Gitega. Mu mwaka w’1945, niho yatangura amashure yisumbuye muri Groupe Scolaire y’i Astrida i Butare mu Rwanda, aho yahamaze imyaka 6.

Mu mwaka w’1956, yagiye kwiga muri kaminuza y’i Anvers mu gihugu c’Ububirigi, ariko ntiyahamaze umwanya munini yaciye agaruka mu Burundi gutangura urugamba rwa poritike mu gutanguza amashirahamwe yo gukorera hamwe "COOPERATIVE". Ico gikorwa caraburabujwe n’Ububirigi bwari bwashize Uburundi mu ntwaro ya gikoroni kuva mu mwaka w’1958.

Yashinze urwiwe n’umukenyezi Mariya Rose Ntamikevyo igenekerezo rya 2 Nyakanga umwaka w’1959.

Muri uko kwezi yubakiyemwo urwiwe mu mwaka w’1958, Rwagasore yashinze umugambwe UPRONA ari kumwe na bagenzi biwe biganye harimwo Paul Mirerekano na Thade Siryuyumunsi. Uwo mugambwe wemewe n’amategeko igenekerezo rya 7 Nzero 1960.

Akiva mu gihugu c’Ububirigi, se wiwe, umwami Mwambutsa yashaka kumuha gutwara igice c’igihugu c’ahitwa Butanyerera ahatumbereye mu ntara ya Ngozi, ivyo akaba yaravyanse nyabuna yihebera igihugu n’umugambwe wiwe.
Yahavuye atumvikana na se wiwe, kuko umwami Mwambutsa yihaye ububasha bwo gutwara imigambwe yose igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 1960, inyuma y’ukwikukira kwa Congo. Umwami yari afise amakenga ko nawe nyene azohava atembagazwa ku butegetsi aravye ivyari bihejeje gushikira mugenzi we wa Congo. Rwagasore na mugenzi we Mirerekano bari bafitaniye ubucuti bukomeye na Patrice Lumumba yari ahejeje gushikana Congo ku ntahe yo kwikukira.

Rwagasore yarakoranije inama rukokoma y’umugambwe wiwe UPRONA kuva igenekerezo rya 14 gushika 20 Ntwarante 1960. Yasavye ko hategerezwa kuba ukwikukira mu Burundi, gutyo urugamba ruba ruratanguye. UPRONA yasavye abanyagihugu kureka gutanga amakori n’amatagisi, kureka kugura ibidandazwa vy’abazungu, maze abanyagihugu bagahamagarirwa kwinuba abazungu. Se wiwe ntiyasiba gusubiramwo ko ubutegetsi bwose bufiswe n’umwami.

Kuva igenekerezo rya 27 Gitugutu gushika 9 Kigarama 1960, Rudoviko Rwagasore yapfunzwe ic’amaso, imbere y’amatora y’amakomine yari yateguwe hagati mu kwezi kwa Munyonyo. Umugambwe PDC wari ushigikiwe n’Ububirigi niwo watsinze ayo matora.
Igenekerezo rya 18 Nyakanga 1961 habaye amatora y’abashingamateka yari acungerewe na ONU. Rwagasore n’umugambwe wiwe UPRONA baratsinda bikomeye ku majwi 80 kw’ijana, uwo bahiganwa "Font Commun" harimwo PDC, uratsindwa kuko waronse ibice 20 kw’ijana. PDC ni umugambwe utashaka ukwikura kw’Uburundi kuko wari wegereye ababirigi.

Igenekerezo rya 28 Nyakanga1961, Thadée Siryuyumunsi atorwa kuba umukuru w’inama nshingamateka ya mbere mu Burundi, Rwagasore nawe agenwa kugira ashinge Reta nshasha yategerezwa gutegura ukwikukira kw’igihugu c’Uburundi.
Yahawe amabanga yo kuba umushikirangoma wa mbere igenekerezo rya 29 Nyakanga 1961. Petero Ngendandumwe nawe aca aba icegera c’umushikiranganji w’ubutunzi, muri Reta yarimwo abashikiranganji 15. Igisirikare cagumye mu minwe y’ababirigi.

Haheze ukwezi kumwe ashinze Reta kandi hasigaye amezi 8 kugira habe ukwikukira kw’Uburundi, igenekerezo rya 13 Gitugutu 1961, umuganwa Rudoviko Rwagasore yaciye yicwa iruhande y’ikiyaga Tanganyika ari kuri Hoteli Tanganyika.

Umugiriki Kageorgis niwe yamwishe abitumwe n’indongozi z’umugambwe PDC batavuga rumwe na Rwagasore. Mu bantu batunzwe agatoke harimwo umutware Baranyanka yava mu nda y’ingoma ku mwami Ntare.
Igenekerezo rya 2 Ndamukiza, abishe Rwagasore baciriwe urwo gupfa. Kageorgis yishwe arashwe ku mugaragaro igenekerezo rya 30 Ruheshi, imbere y’uko haba ukwikukira, ku genekerezo rya 1 Mukakaro 1962.

Kuwa 15 Nzero 1963, abandi bafashije mu kwica Rwagasore baranyonzwe i Gitega, muribo harimwo umutware Baranyanka, Ntidendereza na Birori.
Haheze iminsi mike Rwagasore asezeye isi, umugambwe UPRONA wacitsemwo amashami abiri mu mwaka w’1962. Umugera w’amacakubiri hagati y’abatutsi n’abahutu uca uratangura kwaka indaro ariko abatutsi bagumana ubutware. Guhera mu mwaka w’1966, ubutegetsi buba ubw’umugambwe umwe UPRONA.
Indoto za Rwagasore zo kugira Uburundi bwigenga, bwunze ubumwe kandi burangwa n’intwaro rusangi ziba zinigiwe mu menshi. Intwaro za gisirikare zifata ubutegetsi ku nguvu zirakurakuranwa kuva mu mwaka w’1966 gushika mu mwaka w’1993. Kugira zigumane ubutegetsi nticabuza ko zisesa amaraso. Intwaro yitorewe n’abanyagihugu yagiye kujaho mu mwaka w’1993 aho hatorwa umukuru w’igihugu w’umuhutu Melchior Ndadaye, nawe nyene yishwe amaze amezi atatu gusa ku butegetsi. Intambara ifatiye ku bwoko iba iratanguye imara imyaka irenga 17.


IGIHE

Messages

  • Twereke,amasanamu,neza,ahoyagandaguriwe

  • MURAKOZE KWIBUTSA ABANA BACU NABUZUKURU IRAGI RYUMUGANWA RWAGASORE TURIZEYE KO NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA ARIKURIKANA .NATWE NTIDUSHAKA GUSUBIRA INYUMA @ TUNASONGA MBELE

  • MURAKOZE KWIBUTSA ABANA BACU NABUZUKURU IRAGI RYUMUGANWA RWAGASORE TURIZEYE KO NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA ARIKURIKANA .NATWE NTIDUSHAKA GUSUBIRA INYUMA @ TUNASONGA MBELE

  • Imana Ishimwe.Ati Gt?Yarumugabo.Hoboneka Abandi Nkawe!Kandi Mu Kirundi Bavuga Bati<<uta Inkoko,ntuta Ico Ibitse>>

  • Imana Ishimwe.Ati Gt?Yarumugabo.Hoboneka Abandi Nkawe!Kandi Mu Kirundi Bavuga Bati<<uta Inkoko,ntuta Ico Ibitse>>

  • TWOGIRA UMUTIMA WO GUKUNDANA AMAHORO YOSASAGARA.

  • TWOGIRA UMUTIMA WO GUKUNDANA AMAHORO YOSASAGARA.

  • Nukuri nakamaramaza turaheba tukabura niyo tunyegera uburundi bufisekahise kabishe kuberabategetsi babi nka Buyoya,Bagaza na Nkurunziza.

  • Turashimiye Imana Yaremye Rwagasore.Ubu Tuba Twarimutse Tuba Mu Bubirigi.Peter Songa Mbele Louis Yaragusigiye Ingemero Naho Hari Abashaka Kuyisivya.

  • none abo bantu bamwishe nimwababonye jewe nibari kunjana

  • Abanka democratie ni ukubahasha bikomeye abo ba PDC hakomezwe umutekano kandi hegeranywe uburyo mu gihugu butavuna isorore rirwirira i Bukuru .

  • Nkurunziza Nabone Neza Ko Ubutungane Bukenewe Mu Burundi Kuko Nabazungu Barerekanye Ko Uwishe Rwagasore Atari Akwiye Gukingirwa Ikibaba Ngo Nuko Ari Umuzungu.

  • INDA,NDENDE,ZABURUNDI,NIZOZITUMA,BICANA,EREGA,NTASHETANI,IGENDAGENDA,IZOBONEKA,AMASHETANI,NABAGIRA,AMANAMA,YOKWICA,ABOBADASANGIYE,IVYUMVIRO

  • INDA,NDENDE,ZABURUNDI,NIZOZITUMA,BICANA,EREGA,NTASHETANI,IGENDAGENDA,IZOBONEKA,AMASHETANI,NABAGIRA,AMANAMA,YOKWICA,ABOBADASANGIYE,IVYUMVIRO

  • Ivyo nivyo dukeneye kwibukanya mugabo twibukeko ababirigi ataho bagiye nubu baguma bahenda abarundi bamwe bamwe bigira imboneza

  • BIRAMBABAJE CAND KUBONA ABARUNDI DUSUBIRANAMWO

  • Inyanka Burundi Zagumye Zisubiza Inyuma Abarondera Ineza Y’abene-gihugu Kuva Kera Na Rindi.Duhamagariwe Kuja Hamwe Tukarwanya Izo Nyanka Burundi

  • IMANAIBAGIRIREIKIGORWEKUKO IVYOBARIKOBARAKORAIMANAIRABIBONA IYO ABATWAREBOSEBOBABAMEZENKA RWAGASORE UBURUNDI BWOTERA IMBERE TUKIBERAHONKABARI MWIPARADIZO.NIMUMENYEMWONGEREMUMENYE.

  • IGIHE hari vyinshi wanyegeje. Rwagasore hari Abo yagendanye, abamufashije urugamba, abamukijije kwicwa mu gihe bamwambika umwambaro Atari amenyereye, abamuhaye aho akorera (bureau), abamufashije guteza imbere ama coopérative, n’ibindi vyinshi. Uku kuri kunyegezwa,niyo mpamvu yo kutihanganirana hagati y’abarundi. Ntiwibaze Hutu - Tutsi, oya. Abo babiri hari umunsi bazobazwa. Abo navuze hejuru bafashije Rwagasore ni UMUSWAHIRI. Kuki mwirengagiza uruhara rwabo ? Na Rwagasore ubwiwe, yabamariye iki ?

  • Amahoro! ndabashimiye kutumenyesha iyi Nkuru y ’ukuri yari yarashizwe murutara.yamara ko ibara ryaguye. Abari kubutegetsi muri iki gihe turimwo niki bakora kugira ububi bwabaye K,uri bene Burundi butosubira kuba kuruvyaro rwabo n, uruzokwirikira. Kuvyukuri kuva u burundi bwikukira, mbona ko Rwagasore na Ndadaye gusa nibo bagabo kuko nta gipimo dufise kigaragaza ubutware babo. Abasigaye bose mwese nimwibonere ikiziba turimwo. Harabuze numwe yoba indongozi ngo abone akamaro k’ubumwe n’amahoro vyabarundi bose arivyo muzi n’inkingi y’amajambere n’umutekano. Ni ryari bamwe muri twebwe tuzotangura kwishimira ko tuva kwanyaburunga??? Umunsi habaye abatwara bitayeho uburundi n, abarundi tuzoba dutanguye kwandika inkuru yo kwanyaburunga.

  • Amahoro! ndabashimiye kutumenyesha iyi Nkuru y ’ukuri yari yarashizwe murutara.yamara ko ibara ryaguye. Abari kubutegetsi muri iki gihe turimwo niki bakora kugira ububi bwabaye K,uri bene Burundi butosubira kuba kuruvyaro rwabo n, uruzokwirikira. Kuvyukuri kuva u burundi bwikukira, mbona ko Rwagasore na Ndadaye gusa nibo bagabo kuko nta gipimo dufise kigaragaza ubutware babo. Abasigaye bose mwese nimwibonere ikiziba turimwo. Harabuze numwe yoba indongozi ngo abone akamaro k’ubumwe n’amahoro vyabarundi bose arivyo muzi n’inkingi y’amajambere n’umutekano. Ni ryari bamwe muri twebwe tuzotangura kwishimira ko tuva kwanyaburunga??? Umunsi habaye abatwara bitayeho uburundi n, abarundi tuzoba dutanguye kwandika inkuru yo kwanyaburunga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.