IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Général Sejusa yahoze arongoye igendereza yatawe muri (...)

Uganda : Général Sejusa yahoze arongoye igendereza yatawe muri yombi

lundi 1er Ruhuhuma 2016, par egide

Mu gihe hasigaye indwi zitatu gusa kugira amatora y’umukuru w’igihugu wa Uganda abe, igisirikare c’ico gihugu cataye muri yompi uwahoze ari umukuru w’urwego rw’igendereza Général Tinyefuza azwi kw’izina rya Sejusa.

Général Tinyefuza yatawe muri yompi kuri uwu w’Imana, igihe abasirikare bari bayobowe c’icegera c’umukuru w’ibiro vya gisirikare ca Uganda, Lt. Gen. Charles Angina, baza gusaka urugo rwa Général Tinyefuza ruherereye mu gace ka Naguru. Inyuma y’ukumusaka baciye bagenda bamutwaye. Apfungiwe ku kirindiro ca gisirikare c’i Makindye.

Aganira n’imboneshakure NTV yo muri Uganda, Umuvugizi w’Igisirikare ca Uganda, Ronald Kakurungu, yamenyesheje ko Général Sejusa yatawe muri yompi. Amakuru yatanzwe n’umuvugizi w’igisirikare ca Uganda amenyesha ko Général Tinyefuza azoshikanwa imbere y’ubutungane kuri uwu wa kabiri, naho ivyo yagirizwa bitamenyeshejwe.
Umuvugizi w’Igisirikare ca Uganda, Ronald Kakurungu yavuze ko itangazamakuru rizotumirwa kwumviriza urwo rubanza, kugira ivyo akurikiranwako bimenyekane.

JPEG - 40.1 ko
Général Tinyefuza azwi kw’izina rya Sejusa

Général Sejusa yatanguye kugirana ibibazo na Reta ya Uganda mu mwaka w’2013, aho yavuga ku mugaragaro mu mwaka 2006 ko Kizza Besigye, umukandida w’umugambwe FDC yari yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu afise amajwi 69 kw’ijana, ariko mu nyuma birahinduka Kizza Besigye abwirwa ko yaronse amajwi ari munsi ya 30 kw’ijana.

Mu mwaka w’2013, Général Sejusa yahungiye mu Bwongereza inyuma yo kugaragaza ko hari umugambi wo kwica abayobozi bakuru bo muri ico gihugu batari bashigikiye ko umukuru w’igihugu Museveni yoha ubutegetsi umuhungu wiwe w’imfura, Kainerugaba Muhoozi.
Yagarutse muri Uganda mu mwaka w’2014, ariko kuva agarutse, yabandanije kunegura ubutegetsi bwa Museveni mu biganiro yatanga mu bimenyeshamakuru bikorera muri Uganda, akerekana ko ashigikiye abatavuga rumwe na Museveni.

Général Sejusa azwi nk’uwagize uruhara rukomeye mu gufata igihugu ca Uganda mu mwaka w’1981, gushika mu mwaka w’1986 aho umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni yaja ku butegetsi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.