Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Umukenyezi yapfiriye mu birori vy’ubugeni bwiwe
 Uganda : Umukenyezi yapfiriye mu birori vy’ubugeni bwiwe
 Uganda : Umukenyezi yapfiriye mu birori vy’ubugeni bwiwe
				
				lundi 12 Rusama 2014
Bimwe mu birori binezereza canke bishobora kubabaza abantu insinzi bikanakoranya kandi imiryango, incuti n’abagenzi, ni ibirori vyo gutaha ubukwe hamwe n’ibirori vyo kubura uwawe. Umugeni Peace Komujuni yabaye muri ivyo birori vyompi uko ari bibiri, mu munsi umwe.
Mu karere ka Sheema mu gihugu c’Ubuganda, hari umugeni yitavye Imana ari mu birori vy’ubukwe bwiwe ku munsi wa gatandatu wa 10 Rusama 2014.
Umuryango, incuti, abagenzi n’ababanyi bari baje gushigikira abagize ubugeni bakavuga ko baguye mu gahundwe aho baboneye umugeni wabo aguye igihumura, yikubita hasi imbere y’inyubakwa bariko bagiriramwo ibirori (salle de réception), aca yitaba Imana ubwo nyene atanasamvye. Ibirori vy’ubugeni bikaba vyaciye bihinduka ikigandaro.
 
- Umuryango wa Peace Komujuni wari waje kumushigikira mu birori vy’ubugeni bwiwe
Vyabaye agahomerabunwa, binagora benshi gutahura  igihe uwo mugeni yari azwi kw’izina rya Peace Komujuni yapfira mu maso y’uwo bari butanguranye ubuzima bushasha bwiwe bwose, Justus Tumuhimbise, n’imbere y’incuti n’abagenzi.
Nk’uko bivugwa, uwo mugeni Peace Komujuni yari umukenyezi w’imyaka 30 y’amavuka, akaba yitavye Imana yari afise imbanyi y’amezi indwi.
Indagano zo kubana akaramata bari bagiriye mu rusengero rw’i Kabohe ruri muri ako karere ka Sheema, Justus Tumuhimbise na  Peace Komujuni bazibayemwo umunsi umwe gusa, kubw’urupfu rwatwaye umwe muribo.
Ibijanye n’icatumye umugeni Peace Komujuni yitaba Imana bikaba bitaramenyekana gushika n’ubu.
 
- Peace Komujuni yitavye Imana ku munsi w’ubugeni bwiwe
Mariella Bukuru

Messages
12 Rusama 2014, 12:35
NUMUHERO WISI
12 Rusama 2014, 13:12, par Uwimana Sarah
Birababaje!
13 Rusama 2014, 09:20, par nikoyagize
nifatanije umubabaro numuryango wabuze!
13 Rusama 2014, 10:00, par Ntiwihebure
Ivyo bintu birateye agahinda cane.
Ariko rero, iyo mwanditse inkuru mukirundi muraraba neza, kuko burya ikirundi si ururimi rworoshe nkuko benshi bavyibaza. Ehe raba mwanditse muti "bikanakaronya kandi imiryango", nibaza ko mwashaka kuvuga muti "bikanakoranya kandi imiryango"; munyuma naho muti "aca yiba imana ubwo nyene atanasamvye", nkibaza ko hari aho kuvuga muti "aca yitaba imana ubwo nyene atanasamvye". Mubimenyeshamakuru rero, abantu ntibahakura inkuru gusa, baranaharonkera akaryo ko kumenya ururimi; kandi uko muvyandika babifata ko ariko bimeze kuko ntakazinduzi y’ikirundi bakunze kuronka. Ni akagohe nari nshatse kubavunira gusa kuvyerekeye kwandika inkuru, si ikibazo kirekire, muntahure. Mukomere kw’ibanga!
13 Rusama 2014, 13:49, par bwenge
emwe,biragoye. Ariko ntibiri gusa. Uwubizi we arabizi.
hanyuma nkaba ndamukije abanyakirundo. ngira muca mwibuka ivya sandrine umwe bavuga ngo yarazutse
burya n’uwo mugandakazi wosanga ari uko bimeze!
13 Rusama 2014, 18:24, par Afande
Imigambi y’Imana si iy’abantu.