Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda yabujije itahukanwa rya Joel Mutabazi mu Rwanda
 Uganda yabujije itahukanwa rya Joel Mutabazi mu Rwanda
 Uganda yabujije itahukanwa rya Joel Mutabazi mu Rwanda
				
				jeudi 22 Myandagaro 2013
Leta ya Uganda ivuga ko yanse igikorwa co gutahukana ku nguvu mu Rwanda umusirikare yahoze ari mu basirikare bacungera hafi umukuru w’igihugu c’Urwanda.
Uganda ivuga ko imodoka yari itwaye Joel Mutabazi yahagaritswe igihe yerekeza ku kibuga c’indege.Umushikiranganji ajejwe impunzi muri Uganda avuga ko Leta ya Kigali itigeze ibanza kubaza Leta ya Uganda canke HCR ku birabana n’itabwa muri yompi ry’uyo mugabo. Uganda kandi ivuga ko mu gihe idashigikiye abakora ivyaha, ntishobora kwemera ko hoba abafatwa hadakurijwe amategeko.
Amakuru dukura kuri BBC Gahuzamiryango avuga ko Joel Mutabazi yigeze kandi kugira ibibazo vy’umutekano mu mwaka uheze, igihe abantu batamenyekanye bageragezaga kumurasa. Ico gihe igipolisi ca Uganda caciyekimushira mw’ihoteri kimucungerera umutekano. Ejo rero niho abantu bambaye nk’abasirikare ariko vyaje kumenyekana ko ari abapolisi, baje kuri iyo hoteli baramufata bamushira mu modoka baramutwara.
Bashitse ku kibuga c’indege ngo bamujane mu Rwanda, barabujijwe ko bamujana kuko ifatwa ryiwe ritakurikijwe amategeko. Joel Mutabazi yaciye asubizwa i Kampala nk’uko BBC ibandanya ibivuga, ubu akaba acungerewe n’igipolisi co mu Buganda.
Aristide Nizigire
