Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ugushiramanga mu mvugo, ingabirano ikomeye muvya poritike
 Ugushiramanga mu mvugo, ingabirano ikomeye muvya poritike
 Ugushiramanga mu mvugo, ingabirano ikomeye muvya poritike
				
				mardi 25 Ruheshi 2013
Hari abategetsi benshi, abatwara imigambwe eka muri rusangi muvya poritike usanga bafise ingabirano yo kuvuga mu makoraniro arimwo abantu benshi ndetse ugasanga iyo batanguye kuvuga, bose atanagasubira gukacira aho hantu baba bakoraniye.
Abantu kenshi bashiramanga mu majambo yabo barifuzwa gukurikirwa ko akarorero. Mbega iyo ngabirano boba bayikurahe? Ngo ibirengeye ko ari ingabirano y ‘Imana ,ngo ubushizi bw’amanga burirwa, nk’uko bivugwa n’abahinga. Ubushizi bw’amanga mu mvugo bushobora gutuma uhindura ibintu, hamwe n’abagukikuje bose mu kubateragiramwo ivyiyumviro vyawe.
Ugushiramanga gushobora gukuraho amatati
Mu vyo umwanditsi yanditse ati mbega ubushizi bw’amanga buhagaze kuki? basigura rero ko ako kantu gato ariko gashobora guhindura ibintu vyinshi cane gatuma kandi umuntu aba agakomeye bashimye ku kagirako icirwa. Kuko nimba ubushizi bw’amanga bwo mu mvugo ari ingabirano umuntu asanga yavukanye,mu bisanzwe hariho n’agahande gato umuntu ashobora kwiyigisha nk’uko bivugwa na Pascal wa Sutter, umuhinga yanonosoye ivy’inyifato mu vyerekeye gutumatumanako mu vya poritike.
Abahinga bakaba berekanye ko ubushizi bw’amanga ari ubushobozi umuntu yakira mu kibano nka kurya kwose umuntu amenya kwiyungunganya mu gukora utuntu bishoboka ko umuntu avyiga. Ariko rero bisaba ko umuntu avyiga agifise imyaka mike cane, iyo rero umuntu afise ugushiramanga akuze bica biba bisanzwe biba ari ingabirano yahawe, ivyo bisigurwa na Olivia Fox Cabane uwo akaba yakoze icigwa cerekanye ko abantu baba bakorana n’umukoresha ashize amanga ngo baba bumva bahagijwe n’ibikorwa vy’uwo mukoresha wabo, ngo baba bakora ata n’umwe arinze kubaha amategeko y’ivyo bakora, kandi ngo usanga umwimbu wabo ushimishije cane.
Floxella Karire
