Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uhuru Kenyatta yatanguye icese amabanga y’umukuru w’igihugu
 Uhuru Kenyatta yatanguye icese amabanga y’umukuru w’igihugu
 Uhuru Kenyatta yatanguye icese amabanga y’umukuru w’igihugu
				
				mardi 9 Ndamukiza 2013
Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Kenya, yabaye mu kwezi kwaraye gutashe, uwatowe mu kibanza c’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, yarahiye icese kuba atanguye amabanga y’Umukuru w’igihugu mushasha wa Kenya.
Ibirori vyo kurahira vyabereye mu kibuga ca Kasarani, i Nayirobi ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, bikaba vyari vyitabwe n’abanyecubahiro benshi baje bava mu mihingo itandukanye y’isi.
Twobabwira ko abakuru b’ibihugu vy’Afrika n’abaserukira ibihugu vy’i Buraya muri Kenya, hamwe n’abanyagihugu b’abakenya ibihumbi nabo nyene bari baje kwirabira aho umukuru mushasha w’igihugu cabo arahira icese.
Naho biri uko, twobibutsa ko inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007, Uhuru Kenyatta aregwa ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, akaba ariko ubwiwe yamirira kure ivyo birego
Egide Nduwimana
