Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uko amagara ya Mandela yifashe aho ari ku musego
 Uko amagara ya Mandela yifashe aho ari ku musego
 Uko amagara ya Mandela yifashe aho ari ku musego
				
				mercredi 3 Ndamukiza 2013
Nelson Mandela ariko aratera imbere neza mu gutora mitende aho ariko aravugwa indwara y’amahaha yasubiye kumufata, nk’uko abaganga biwe babivuga.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyavuze mw’itangazo basohoye ko Nelson Mandela yaramukijwe n’umuryango wiwe mu gihe abandanya kworoherwa.
Iryo tangazo ryavuga ko imiti iriko iramugirira akamaro  kandi ko ameze neza kuruta igihe yajanwa mu bitaro kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2013.
Tubibutse ko Nelson Mandela amaze indwi irenga mu bitaro, kandi ko bugize kane mu myaka ibiri gusa.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri yari yinjiye ibitaro kubera indwara y’amahaha n’utubuye twibumbira mu gasaso k’umukoyo, ico gihe akaba ariho yamaze igihe kirekire mu bitaro kuva yava mu munyororo yamazemwo imyaka 27  mu mwaka w’1990.
Mu ndwi iheze , uwo mutama w’imyaka 94 baramuvomye amazi mu mahaha aho ari mu bitaro bitigeze bivugwa izina, aho vyagumijwe mw’ibanga.
Mandela niwe yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure kuva mu mwaka w’1994 gushika mu mwaka w’1999 akaba afatwa nk’umuvyeyi w’igihugu cose kubera urugamba yagize rwo kurwanya intwaro mvanguramoko y’abazungu, Apartheid.
Aho apfunguriwe yarababariye abahora ari abansi biwe aca ahamagarira abanyafrica y’epfo bose kwiyunga no gusubiza hamwe.
Mu mwaka w’1993 yarahawe agashimwa k’amahoro kitiriwe Nobel.
Floxella Karire
