IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umubabaro ni wose ku miryango yashinguye abayo mw’itongo ryo mu (...)

Umubabaro ni wose ku miryango yashinguye abayo mw’itongo ryo mu Kinindo

lundi 30 Nyakanga 2013

Umubabaro ni mwinshi ku miryango yashinguye ababo mw’itongo ry’abapfuye riri mu Kinindo, inyuma y’ibitaro CMCK (Centre Médico-chirurgical de Kinindo). Ababishoboye bariko baragerageza kwimura imva z’ababo, mu gushira mu ngiro ingingo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yafashe igenekerezo rya 17 Nzero 2013.

Ikiringo cari cahawe abashinguye ababo mw’itingo ry’abapfuye riri mu Kinindo kugira babe bimuye izo mva caheranye n’igenekerezo rya 21 Nyakanga 2013. Ukwezi kuraheze imiryango ibifitiye ubushobozi iriko irimura ibisigarira vy’abashinguwe muri ico kibanza kiri inyuma y’ibitaro CMCK (Centre Médico-chirurgical de Kinindo).

Iyo miryango irababajwe cane n’ukubona iriko iza kwimura abayo bari bamaze imyaka myinshi cane muri ico kibanza. "Ikitudutera agahinda n’uko tuzoca tusubira kugandara, kandi ivyo bikorwa biriko bidutwara amafaranga menshi cane."
Iyindi ngorane iyo miryango ihura nayo, ni nk’aho hari ababura ababo bivuye ku misaraba iriko amazina yamaze kuzimangana, canke ntiyibuke neza na neza ikibanza bashinguyemwo.

Imiryango ifise abashinguwe muri iyo ntatemwa imenyesha ko ikoresha amafaranga menshi kuko kwimura imva bidashobora kuja munsi y’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi. Mu gihe atari imiryango iyariyo yose ishobora kuronka izo miriyoni zibiri, basaba ko Leta yobafasha.

Evariste Nsabiyumva, umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ikiringo camaze kurengwa cane kuko imva zihabwa imyaka cumi kugira zimurwe. Nsabiyumva Evariste yibutsa ko imiryango itazoshobora kwimura abayo, Leta izoca ivyikorera kuko ikeneye ico kibanza gisanzwe kiyegukira.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.