IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuco ku nama y’akarere Nkurunziza na Kikwete batatumiwemwo

Umuco ku nama y’akarere Nkurunziza na Kikwete batatumiwemwo

vendredi 5 Mukakaro 2013

Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko bararemesha ko ata cuka kibi coba kiri hagati y’ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ivyo bikavugwa inyuma y’aho hamenyekaniye inama yahuje abakuru b’ibihugu vya Uganda, Kenya n’Urwanda.
Muri iyo nama abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya bakaba batigeze bayitumirwamwo.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2013, Leontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko iyo nama ataho yari ihuriye n’ibikorwa vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Kubw’iwe, abo bakuru b’ibihugu barafise uburenga bwo guhura umwanya uwariwo wose iyo baba bafise ico bavugana, ariko ko iyo atari ibijanye n’ibikorwa vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko ataba ari ngombwa ko abakuru b’ibihugu vyo mu karere bahaba.

Nk’uko yabandanije abisigura, umushikiranganji Leontine Nzeyimana yibukije ko inama zitunganwa n’akarere ka Afrika y’ubuseruko ari zibiri ku mwaka, imwe isanzwe iba mu kwezi kwa Ndamukiza, iyigira kabiri idasanzwe yitezwe ubu ikaba izotunganwa mu kwezi kwa Munyonyo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.