IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuduga w’igisirikare wafatanwe ibidandazwa vya magendu wamenyekanye

Umuduga w’igisirikare wafatanwe ibidandazwa vya magendu wamenyekanye

vendredi 21 Munyonyo 2014

Umuduga w’igisirikare c’Uburundi wafatanwe kuri uwu wa kane ibidandazwa vya magendu ni uwo mw’ikambi yo ku Mudubugu. Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko uwugendesha uwo muduga azobihanirwa ku gatwe kiwe.

Abakozi b’ikigo OBR barafashe mu gatondo ko kuri uwu wa kane ibidandazwa vya magendu vyariko vyunguruzwa n’imodoka y’igisirikare c’Uburundi. Iyo modoka yarimwo ibidandazwa vya magendu bigizwe n’ubwoko bwinshi bw’inzoga, ibitenge biva muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe n’amata yo mu bwoko bwa NIDO. Désiré Gahungu, musitanteri wa komine Ngagara, ahafatiwe ivyo bidandazwa, amenyesha ko bari baronse amakuru avuga ko hari ibidandazwa biva muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikinjira kuri magendu biciye mu mazi y’ikiyaga Tanganyika, imiduga yo mu Burundi igaca ivyunguruza. Musitanteri Désiré Gahungu avuga ko bamaze kuronka ayo makuru baciye bakorana n’abaporisi, hamwe n’abakozi b’ikigo OBR, ari navyo vyatumye hafatwa ivyo bidandazwa vyari mu muduga w’igisirikare c’Uburundi.

JPEG - 19.6 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Mu gisirikare bamenyesha ko bamaze kumenya uwo muduga wafashwe, Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi agasigura ko ari umuduga wo mw’ikambi yo ku Mudubugu. Nk’uko bivugwa na Colonel Gaspard Baratuza, uwugendesha uwo muduga yabeshe ko atwaye umuntu kwa muganga, kugira akure iyo modoka aho yari isanzwe ibikwa. Baratuza ati amategeko aratomoye, uwo yafashwe azobibazwa ku gatwe kiwe. Inyamiramabi zamaze gutangura amatohoza, ariko no mu gisirikare c’Uburundi akaba azokurikiranwa n’umurwi ujejwe indero mu gisirikare c’Uburundi.

Mu kigo OBR baratangazwa n’amayeri asigaye akoreshwa n’abakora urudandazwa rwa magendu, aho mbere basigaye bakoresha imiduga y’igisirikare canke ya miduga rusehabaniha (ambulances). Muri ico kigo basaba abadandaza kuvavanura n’urudandazwa rwa magendu, kuko uwufashwe ariha menshi kuruta ayo yorishe acishije ibidandazwa vyiwe mu nzira zizwi n’amategeko.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndamukunda cane umuvugizi wigisirikare cuburundi arishura nkumuvugizi wigisirikare nyene nawe urumwenegihugu ukumva uranyuzwe nivyo avuze, Gaspal Baratiza abarundi turakwishimiye ekambese namakungu.

  • Erega igihugu csrabinzwe na corruption kuva kuri BA nyakubahwsushika kuri nyumbakumi nuko biri .erega twebwr abanyagihu turagowe naho turira atawe tuyaha.aba dd barigishitse baramenyesha ,ngo impene irya aho iziritse,ngo ni kwikanda ikibira.mumyaka itanu igihugu azobs ari umusaka ndabarahiyebabonye ayashushe bataturiye

  • Hahahaahaaa #komera@ umukunda wenyene apana abarundi twese ubushatse kuvuga iki ngaha? Sibishasha nindatazi ko imiduda igisirikare nigipolisi naza rusehebeniha vyuburundi arivyo bitwara ivyamagendu nikuva kera rero ntagishasha kirimwoahubwo abo bayifashe bararaba neza kuko babameneye agafu

  • Uwo mushoferi none yigishijwe n’aba dd?Canke abo bene ibidanda zwa!Mwibaza ko ryoba ari irya mbere? Abo ba polisi na musitanteri bamufashe bobo bigishijwe na nde?Umwe wese n’akore ico ajejwe ntihagire usubira kwitwaza ngo hasakwa bamwe.Busokoza na Nditije ni babone ko igiporisi gisaka uw’ariwe wese kidacagu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.