IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugambi Promotion wo kugabanya ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI urateye (...)

Umugambi Promotion wo kugabanya ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI urateye impari

mercredi 19 Kigarama 2012

Abadandaza ibinyobwa vya Brarudi batashizwe ku rutonde rw’abacuruza inzoga za Promotion ngo bagiye kugara kuko batagicuruza. Ntabakibirukora kuko baja kurondera ibinyobwa bizimbutse vya Promotion.

Abo badandaza ibiyeri vya Primus na na Amstel babandanije bacuruza ku biciro vyashinzwe na Reta n’ukuvuga 1500 F kuri Amstel, Primus nayo bakiyigurisha 1150F, mugihe aho baherereye hari ibirabo vyatowe m’umugambi w’ishirahamwe brarudi wiswe Promotion uyo nayo utuma Primus icuruzwa 1050F, Amstel nayo ikagurishwa 1300F . Nk’uko vyibonekeza aho ibiciro vyagabanijwe ntihabura abaguzi mugihe aho bigicuruzwa igiciro kinini atawuhatumbera.

Abo rero batatowe na BRARUDI ishavu riraniga bagasaba ko uyo mugambi uhagarara kuko ngo bagiye kugara mugihe abandi bashima kubera BRARUDI ribaha inyungu mu binyobwa bakemeza ko umutahe wabo uca wisununura naho bavuga ko bazihabwa inyuma y’iminsi ibiri.

Izo mpande zibiri ntizirabana ryiza mbere abatatowe bakavuga ko batazi icisunzwe kugira umuntu aje muri uyo mugambi ,mwishirahamwe BRARUDI bavuga ko bisunze ububare basanzwe bafitaniye amasezerano bafatiye kuvyo badandaza ubwo n’abwo bukaba ngo usanga bumaze kuronka ingabire buhawe na BRARUDI ubundi nabwo ngo busizwe amabara y’ibinyobwa vya BRARUDI.

Uyo mugambi rero ngo uzorangirana n’ukwezi kwa Kigarama . Ivyo rero BRARUDI yabikoze kugira isubire ikundishe ibinyobwa abanywanyi mugihe abagura ivyo bicuruzwa vya BRARUDI ngo bagabanutse ku bice cumi na bitanu kw’ijana kuva aho Reta y’u Burundi idugirije ibiciro kur’ivyo binyobwa


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.