IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wo gufungurira abana ku mashure uratuma abarimyi bahungukira

Umugambi wo gufungurira abana ku mashure uratuma abarimyi bahungukira

mardi 13 Nzero 2015

Umugambi wo kugaburira abana ku mashure mu buryo bushasha bw’aho imfungurwa abana bagaburirwa ziva mu gihugu nyene, mu barimyi begereye amashure, ugereranije naho zava mu makungu, ni ngirakamaro cane ku barimyi, ku badandaza no ku banyeshure ubwabo. Ivyo ni ivyagiye bishikirizwa n’abari bitavye uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye uwo mugambi.

Muri urwo ruganda rwatunganijwe na Reta y’Uburundi iri kumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu PAM (Programme Alimentaire Mondiale) mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye wa mugambi wa Reta wo kugaburira abana bo mu mashure mato mato "Cantines scolaires endogènes". Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ivyo bikorwa, Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu aremeza ko n’ubwo ibitigiri vy’abana baja kw’ishure vyongerekanye bitumwe nawa mugambi wo kwigisha ku buntu, ko hakiri ingorane z’abana bayoberwa, n’abaheba amashure bitumwe n’uko bataronka ico bafungura. Ni no muri iyo ntumbero Reta yashizeho ubwo buryo bwo kubafungurira ku mashure kugira bikunde ibitigiri vy’abaheba bibe bike.

Gerevasi Rufyikiri abandanya ashikiriza ko uwo mugambi mushasha "Cantines scolaires endogènes" ari ngirakamaro cane, kuko uhuza ibisata vyinshi vy’ubuzima bw’igihugu. Uwo mugambi uteza imbere abarimyi n’abadandaza. Uwo mugambi utuma ivyo abarimyi bimbura bigurwa kandi bigahabwa agaciro. Ivyo rero bikabatuma batera imbere kuko mu gihe ivyo bimbuye biguzwe bazoca bagira ishaka ryo kurima vyinshi bitume banaronka umusesekara wo kwibeshaho. Abarimyi bazoronka amafaranga, n’ubuzi buheze buboneke, nk’uko Gerevasi Rufyikiri abandanya abishikiriza. Uwo mugambi kandi utuma abana bakura neza bakongera bakiga neza. Gerevasi Rufyikiri asaba abasanzwe bafasha Uburundi guterera muri uwo mugambi kugira bikunde mu gihugu cose abana bashobore gufungurirwa ku buntu.

JPEG - 33.7 ko
Uwuserukira ishirahamwe PAM mu Burundi

Uwuserukira ishirahamwe PAM mu Burundi, ari naryo risanzwe rifasha mu mugambi wo kugaburira abana ku mashure mu Burundi, nawe avuga ko mu vyigwa bagiye bakora vyagiye vyerekana akamaro k’uwo mugambi mw’iterambere muvy’imibano n’ubutunzi. Uwuserukira PAM mu Burundi aremeza ko igihugu kimaze gutera intambwe muri uwo mugambi, uburundi bubifashijwemwo n’igihugu c’Ubuholande, ariko ko bagikeneye gushigikirwa, mu gihe uwo mugambi umaze gutangura mu ntara zitatu gusa arizo Cibitoke, Bubanza na Bujumbura. Ishirahamwe PAM rikaba ubu rishobora kugura imfungurwa ku banyagihugu bo hafi y’ayo mashure nyene. Aho uwo aserukira PAM amenyesha ko kuva uwo mugambi utanguye, amafaranga y’amarundi agera ku muriyaridi urenga (1 362 640 000 Frs Bu) yashoboye kuja muma cooperatives y’abarimyi. Yaboneyeho nawe nyene akaryo ko gusaba abasanzwe bafasha Uburundi mu bisata bitandukanye guterera agacumu k’ubumwe, kuko uwo mugambi ukeneye uburyo bwinshi.

N’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi, nawe yashoboye kwerekana isano riri hagati y’uburimyi bwo mu miryango hamwe n’uwo mugambi, akemeza ko ubutunzi mu miryango bugiye buzokwisununura.

Tubibutse umugambi mushasha wo kugaburira abana ku mashure watanguye mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2013.


Floxella Karire

Messages

  • Icogikorwa nicizacane, ashicishika muntarazose zigize uburundi, ariko nubwobatarashikahose turanezerewe kuko umuntu afise amaguru, umutwe, ukuboko kwiburyo, nukuboko kwibubafu , ivyibicevyose bifise uburwayi maze umuganga akavura igice kimwe kigakira vyabindibicevyose bisigaye bigirumunezero kubwicogice gikize, nukworero murakaramba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.