IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugwi CENI uzotegura amatora yo muri 2015 uriyamirizwa n’abatavuga rumwe na (...)

Umugwi CENI uzotegura amatora yo muri 2015 uriyamirizwa n’abatavuga rumwe na reta

mercredi 5 Kigarama 2012

Abantu 5 bagize umugwi CENI uzotegura amatora yo mu mwaka w’2015 baramaze kumenyekana. Inama nshingamateka na nkenguzamateka zabemeje kuri uyu wa kabiri italike 4 ukwezi kwa Kigarama 2015. Uwuwurongoye niwe yararongoye n’umugwi CENI mu matora yo mu mwaka w’2010. Imigambwe itavugarumwe na reta irawiyamiriza.

Nta mpari nyinshi zahabaye. Abashingamateka bemeje umugwi uzotegura amatora yo mu mwaka w’2015 ku bice 97 kw’ijana. Inama nkenguzamatrka nayo nyene yarabemeje.
Umukuru w’uyo mugwi ni Pierre Claver Ndayicariye, icegera ciwe n’umupfasoni Spes Caritas Ndironkeye, umuvugizi ni Prosper Ntahorwamiye,uwundi ni Illumine Ndabahagamye hamwe na Jean Anasthase Hicuburundi.

Pierre Claver Ndayicariye na Prosper Ntahorwamiye bagumye mu bibanza vyabo barimwo mu mugwi wateguye amatora yo mu mwaka w’2010.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza co kimwe n’inama nshingamateka basigura ko abo bantu babiri bafise uburambe mu gutegura amatora, ico bita mu gifaransa ‘’Experience’’, ngo nico gituma bagumanye amabanga yabo.

JPEG - 14.4 ko
Pierre Claver Ndayicariye

Naho biri uko, imigambwe itavuga rumwe na reta iriyamiriza abagize uwo mugwi mushasha CENI cane cane uwuwurongoye n’umuvugizi wawo. Mu kiganiro iyo migambwe yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, chovinau Mugwengezo avugira urunani ADC-Ikibiri rw’iyo migambwe yemeje ko abagize CENI badahindutse ishobora kutazokwitaba amatora yo mu mwaka w’2015.

JPEG - 38.1 ko
Prosper Ntahorwamiye

Amatora yo mu mwaka w’2010, iyo migambwe itavuga rumwe na reta ntiyayabandanije. Kiretse amatora y’abajenama b’amakomine gusa, abatavuga rumwe na reta ntibitavye amatora y’abashingamateka, ay’abakenguzamateka, ay’umukuru w’igihugu n’ay’abakuru b’imitumba. Iyo migambwe yasiguye ko amatora y’abajenama b’amakomine yibwe.
Ubu rero, urunani ADC-Ikibiri rwagiriza umukuru mushasha wa CENI ko azohava ahengama nk’uko ngo yabigize mu matora aheruka. Iyo migambwe isaba ko yosubirizwa cokimwe n’umuvugizi wiwe barikumwe mu matora aheruka muri ivyo bibanza nyene kuko ngo amatora bateguye mu mwaka w’2010 ntiyizewe na bose.

Chovinau Mugwengezo avugira urunani ADC-Ikibiri, yemeza ko ari ubusuma bw’amatora butanguye. Avuga ko ata n’ibiganiro bikwiye vyabaye kugira abegwa bose n’ikibazo c’amatora baterere ivyiyumviro. Nk’urunani ADC-Ikibiri ngo ntigwagishijwe inama. Yemeza ko uwo mugwi CENI uzotegura amatora yo mu mwaka w’2015 uciye kubiri n’amasezerano ya Arusha, ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko agenga igihugu.

Ayo mazina nyene uko ari atanu y’abagize umugwi mushasha CENI yari yatanzwe n’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka ariko abashingamateka bamaze iminsi ibiri yose batayumvikanyeko. Umukuru w’igihugu yaciye yongera ikiringo c’amezi atatu umugwi CENI wo mu mwaka w’2010. Icogihe abashingamateka baturuka mu mugambwe UPRONA bari basohotse biyamiriza ko hogaruka Pierre Claver Ndayicariye na Prosper Ntahorwamiye. Ariko ubu ntibasohotse, barashigikiye abo mu mugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi mu gutora no kwemeza abagize CENI.

Imigambwe yose itari muri reta, abashingantahe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’abandi babirabira hagufi bari basavye ko hoba umwumvikano kugira hajeho umugwi wumvikanyweko kandi wizewe na bose. Imigambwe itari mike, harimwo FNL wabaye uwa kabiri mu matora y’abajenama mu matora aheruka, ivuga ko itagishijwe inama. Jacques Bigirimana umuvugizi wa FNL amenyesha ko hagiye gukorana inama yihuta y’uwo mugambwe kugira bafate ingingo zikenewe.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.