IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi uracateye (...)

Umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi uracateye impari

samedi 23 Ruhuhuma 2013

Ikibazo c’umuvugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi ku mabi yabaye mu ntambara kuva u Burundi bwikukira kigeze. Integuro y’itegeko igeze mu nama nshingamateka. Ariko amashirahamwe y’abacitse kw’icumu amenyesha ko harimwo utunenge. Umkuru w’igihugu yavuze uwo mugwi uzojaho vuba.

Umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi utegekanijwe n’ibwirizwa nshingiro hamwe n’amazerano y’i Arusha. Ayo masezerano avuga ko amatohoza k’ukuri ku ndyane zabaye mu Burundi azohera ku ntambara zabaye kuva u Burundi bwikukira mu mwaka w’1961. Ariko ahanini n’ukumenya abakoze n’abatuma haba intambara zahitanye abahutu n’abatutsi mu myaka y’1972 n’1993.

Kuva mu mwaka w’2005, uwo mugwi uritezwe. Muri kino gihe, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko uyu mwaka w’2013 utazorangira uwo mugwi utagiyeho.
Haramaze mbere kuba ibiganiro vyahuje abaserukira abarundi mu gwi yose y’ubuzi, ubwoko, intara, ibitsina, amadini, imigambwe, amashirahamwe yigenga n’abandi kuri ico kibazo. Bose bavuze ingene biyumvira uwo mugwi woshirwaho. Icegeranyo carahawe umukuru w’igihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU.

Ubu aho bigeze, integuro y’itegeko rizogenga uwo mugwi CVR wo kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi iramaze kurungikwa mu nama nshingamateka kugira iryige yongere iritore hanyuma utangure gukora.

Naho biri uko, amashirahamwe yigenga, abacitse k’icuma n’ababuze ababo mu ntambara zagiye ziraba mu Burundi bavuga ko iyo nteguro y’itegeko irimwo utunenge tutari duke. Ayo mashirahamwe asaba ko utwo tunenge twokosorwa kugira habe umugwi wizewe na bose.

Amashirahamwe mpuzamakungu nka La Benevolencjia na Impunty Watch afashe mu mumugongo abacitse kw’ivumu avuga ko utunenge twa mbere ari uko iyo nteguro ishira imbere ikigongwe kubantu bakoze ivyaha hamwe n’ababiteguye. Aho rero ngo amasezerano mpuzamakungu u Burundi bwateye ko igikumu ntiyemera ko habaho ikigongwe ku vyaha vyo mu ntambara, ubwicanyi bw’agahomerabunwa n’ubwicanyi bw’ihonyabwoko.

Basaba ko iyo nteguro yotegekanya ikigongwe ariko bikabangabanganwa na sentare idasanzwe yocira imanza abazokwagirwa n’ivyaha bidaharirwa.
Aloys Batungwanayo yatanze ikiganiro kubwayo mashirahamwe yavuze kandi ko muri iyo nteguro, Reta idatomora neza ingene ababuze ababo bazoshumbushwa.

Ikindi naco ngo iyo nteguro ntiyemera ko amazina y’abakoze ivyaha n’ababiteguye amenyekana.
Aloys Batungwanayo akibaza ati : ‘’None ko amazina y’abakorewe ivyaha biciwe ababo azwi, kubera iki amazina y’abakoze ivyo vyaha vyo mu ntamabara n’ihonyabwoko atomenyekana kugira basabane ikigongwe canke abahanwa bahanwe?’’

Umushingamateka Charles Nditije arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA, yari yitavye ico kiganiro, yamenyesheje ko abashingamateka bazokora uko bashoboye kose kugira bakosore utwo tunenge hanyuma hashirweho umugwi CVR uzokora ataho uhengamiye.

Umushingamateka Charles Nditije nawene yibutsa ko hariho ivyaha bidaharirwa kw’isi nzima. Mu gihe uwo mugwi wosanga harakozwe ivyo vyaha vyo mu ntambara, ivyaha vy’agahomerabunwa n’ivyaha vy’ihonyabwoko, ngo ntankeka bategerezwa guhanwa hisunzwe amategako y’igihugu hamwe n’amategeko mpuzamakungu u Burundi bwateyeko umukono.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.