IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe urashoboka ata shirahamwe (...)

Umugwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe urashoboka ata shirahamwe mpuzamakungu ONU

samedi 26 Nzero 2013

Mu gushira imbere ukurekuriranira hanyuma ubutungane ku ncuro ya kabiri mu mugambi w’umugwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe,Leta y’u Burundi ica kubiri n’ishirahamwe mpuzamakungu.Ariko ikiboneka ni uko bitoshoboka ko ishirahamwe mpuzamakungu ritoshobora kwigizwa hirya.

Nk’uko Aloys Batungwanayo yabimenyesheje,ngo umukuru w’igihugu ntiyerekanye neza ibijanye n’ubutungane buzojaho inyuma y’umugwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe,ico naco kikaba kiri mu bisabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu.

Icibonekeza ni uko ishirahamwe mpuzamakungu ritoshobora kwigizwa hirya mw’ishirwaho ry’uwo mugwi kuko u Burundi hari ibintu butokwishoboza bwonyene nimba bushaka ko ishirwaho ry’uwo mugwi riba mu muco.

Leta y’u Burundi rero hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu, ntibabona kumwe ibijanye n’ubutungane inyuma y’ishirwaho ry’umugwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe.Mu gihe Leta y’u Burundi ishira imbere ivyo kurekuriranira,ishirahamwe mpuzamakungu ntiribibona ukwo.

Muri iyo ntumbero nyene ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivyo agateka ka zinamuntu rivuga ko ritoshobora gushigikira ikigongwe ku bantu bakoze ivyaha vyo mu ntambara, nko gufata abagore ku nguvu.Rero ikigongwe ntikibuza ko umuntu akurikiranwa n’ubutungane.

Tubibutse ko,umugwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe wumvikanywe mu masezerano y’amahoro y’i Arusha.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.