IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi asaba abajejwe umutekano gukanura maremare

Umuhuza w’abarundi asaba abajejwe umutekano gukanura maremare

vendredi 6 Kigarama 2013

Umuhuza w’abarundi ahamagarira abajejwe intwaro kurwiza inguvu mu gucungera umutekano muri kino gihe hasa n’ahari icuka kitari ciza mu gihugu.

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara ari mu ntara ya Gitega, mu nama y’iminsi ibiri. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ibikorwa vy’iyo nama, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yabanje kubasigurira intumbero y’iyo nama. Ku bwiwe mu migambi azorangura ‘’plan strategique 2012-2013’’ harimwo gukinga amatati hamwe no gukomeza intwaro nziza umutekano.

Mu ntumbero rero yo gukinga amatati yaciye akoresha uburyo bukwirikira, biciye mu nkino, ibikorwa rusangi, hamwe n’ibiganiro. Mu bisanzwe ikarashishi irazwi ko ari ikintu ca mbere giteza imbere umubano mwiza mu gushiraho amategeko ntarengwa, inkino zituma kandi umuntu agira abagenzi, agakomeza ubucuti hamwe no gufumbatira amahoro. Ibikorwa rusangi navyo bituma abantu bahura mbere naho usanga batanganya igihagararo, nk’akarorero abanyagihugu n’abatware.

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara ku bwiwe, imishamirano imaze iminsi yibonekeza mu bihugu bimwe vy’Afrika, Mali, Republika Centrafricaine no mu Burundi vyoshobora gushika ari naco gituma, yashimye gukoresha iyo nama. Igikorwa co kubumbatira amahoro n’umutekano rero ni ica buri munyagihugu wese. Abo nabo bakwiye kuyaharanira, kuko si igikorwa c’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi gusa canke c’ubushikiranganji bw’umutekano canke urwego rw’igendereza ni igikorwa ca buri muntu ariko nazo zikwiye gutanga akarorero keza.

Yasavye rero abari muri iyo nama gukomeza ibiganiro vyubaka kugira uwo mubonano ube akaryo ko gutererana ivyiyumviro no kwungurana.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.